Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC : Imyiyerekano yo kwiyamiriza itegeko rigenga amatora yahitanye abantu (...)
RDC : Imyiyerekano yo kwiyamiriza itegeko rigenga amatora yahitanye abantu n’ibintu
mardi 20 Nzero 2015
Igiporisi ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo kiracahanganye na bamwe mu bariko biyamiriza itegeko rigenga amatora.
Mu myiyerekano isa n’iyakaze cane kuri uyu wa 19 Nzero, igiporisi kikaba carashe abanyeshure bo muri kaminuza bariko biyamiriza iryo tegeko, ndetse kikaba cakoresheje inguvu zidasanzwe mu gushwiragiza abo banyagihugu. Muri iyo migumuko, abanyagihugu babiri bitavye Imana, umuporisi umwe nawene aricwa. Muri iyo myiyerekano nyene, bamwe mu batavuga rumwe na Reta bakaba biriwe bapfungiwe bamwe mu ngoro z’imigambwe yabo, abandi nabo, bakaba bugaraniwe mu mazu yabo. Amamangazini yasahuwe urukombamazi, amwe mu mazu arabomorwa, hatibagiwe imiduga yaturiwe.
Mukamenya ko kuva aho Joseph Kabila asa n’uwukuriwe hasi n’amwe mu mashirahamwe hamwe ndetse na Ekereziya Gatorika ko hamwe yohirahira akitoreza ubwa gatatu kurongora igihugu, bazomuvira hasi bakamwiyamiriza, yagirizwa kuba ariko akora ayandi manyanga kugira abe aragumye ku butegetsi.
Aristide Nizigire
Messages
20 Nzero 2015, 14:14, par roza kamikazi
ewe afrika waragowe, mbe mana ntiwofasha africa ukayiha abaturongera bakwubaha bokongera bakagutinya nukuri africa iragowe.
20 Nzero 2015, 17:23, par burundi
ivyo nivyo twimirije kubona?
24 Nzero 2015, 19:51, par mukobwajana
ABA GENERAUX NA PETER N ABASUKU BABO BAKIRIHO NATWE BIZOTUBAKO..KUKO KUVA LU BUTEGETSI SI VUBA MU NDOTO MBI ZABO.BARITEMBANA N ABABO