Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
RD Kongo : N’aho bivugwa ko ashobora kwitoza ubugira 3 ari mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RD Kongo : N’aho bivugwa ko ashobora kwitoza ubugira 3 ari mu (...)

RD Kongo : N’aho bivugwa ko ashobora kwitoza ubugira 3 ari mu yabira

mercredi 30 Mukakaro 2014

Abanyeporitike batatu bakomeye bo mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, bahamagariye abayoboke babo kuja mu kibanza kinini c’i Kinshasa biyamirize ihinyanyurwa ry’ibwirizwa nshingiro.

Mw’ikete ryashizwe ahagaragara n’abarongoye imigambwe ya UDPS wa Étienne Tshisekedi, l’UNC wa Vital Kamerhe na ECIDE wa Martin Fayulu, basavye abakunzi babo kwiyamiriza bivuye inyuma ihinyanyurwa ry’ibwirizwa nshingiro. Bagasaba guhura kw’igenekerezo rya 4 Myandagaro mu kibanza kinini c’i Kinshasa aho bazovyiyamiririza hamwe. Abo barongoye iyo migambwe ikomeye itavuga rumwe n’intwaroya Joseph Kabila, bakaba bavuga ko ivyo bazobigira mu ntumbero yo kubuza umukuru w’ico gihugu gusubira kwitoza ubugira gatatu, mu gihe ibiringo bibiri ahabwa n’ibwirizwa nshingiro ry’ico gihugu, vyarangiye. Abo banyeporitike babatu, bakaba basavye ko isinzi ry’abanyagihugu baba i Kinshasa bosidukana n’iyonka, bakiyamiriza iryo hinyanyurwa ry’ibwirizwa nshingiro.

Mukamenya ko naho umukuru w’ico gihugu ashaka kwitoza ari mu yabira, mu gihe n’amwe mu mashengero yahamagariye abakirisu bayo kuziyamiriza ukwitoza ubugira gatatu bwa Joseph Kabila. Aha, akaba ari ishengero rya Ekereziya Katorika, aho abasenyeri bavuga ko, Joseph Kabila yitoje ubugira gatatu, bazoca bahamagarira abakirisu babo kumwiyamiriza, na rirya yagirizwa ko amatora yaheruka yayatsinze ari uko ayivye. Eka mbere na bimwe mu bihugu vya rutura nka Reta zunzubumwe z’Amerika bikaba vyasavye Kabila gusubiza ubutegetsi mu mwaka w’2016.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.