Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC:Abana babiri bahitanywe na nyamugigima
RDC:Abana babiri bahitanywe na nyamugigima
vendredi 7 Myandagaro 2015
Abana babiri nibo bimaze kumenyekana ko bahitanywe na nyamugigima yabaye mu bucagucagu brwo kuwa gatanu igenekerezo rya 7 Myandagaro,mu buseruko bwa Republika Iharanira Demokarasi ya Congo n’ibihugu bihana imbibe.
Abo bana bapfuye igihe inzu barimwo iri hafi y’ikibuga c’indege ca Bukavu, yasambuka kubera iyo nyamugigima.Iyo nyamugigima yari ifise umurindi wa 5.6 ku rupimo rwa Richter.
Umushikiranganji ajejwe kumenyesha amakuru Lambert Mende akaba n’umuvugizi wa Reta ya Republika iaharanira Demokrasi ya Kongo, yavuze ko hari n’amazu y’iruhande yaho yononekanye.
Umurindi w’iyo nyamugigima yaturutse hafi y’ikiyaga Tanganyika, warumvikanye no kugera mu bihugu vy’Urwanda, n’ Uburundi.
Abategetsi mu Rwanda bavuga ko hari abakomeretse ariko bidakabije.
Iyo nyamugigima yumvikanye nko mu masaha icenda z’ijoro.
Van Naris Mugisha
Messages
7 Myandagaro 2015, 17:06, par Earth
Mwarimukwiye guheza iyinkuru mutuvwira muti: Ngaha Burundi ntaciyononye canke muti turacarindiye kumenyako hobahariho icononekaye ngaha mu Burundi.
7 Myandagaro 2015, 17:40, par NADEL
POLE SANA MPOJEJ UMUJANGO WABUZE
7 Myandagaro 2015, 19:04, par Francois Nkunzimana
Pole Sana Bene Wacu! Nkaba Mpojeje Umuryango Wabuze
7 Myandagaro 2015, 19:26, par bienvenu
pole sana mugu itawa pokea mume sha pata wegine
8 Myandagaro 2015, 09:04, par Isaac
yesu agira agaruke kutujana ibi birikobiraba yasize abivuze yuko mumisi yiherezo hazoba kunyiganyiga kwisi ati kandi nitwabona ivyovyose bishitse tuze tumenye kwarihafi kugaruka.soma matayo igice ca.24 uhere kumurmgo 1 ushitse kumurongo wa 53 wibonere ibimenyetso vyerekana uguhona kwuburundi nukugaruka kwayisu.
8 Myandagaro 2015, 14:38, par akimana
umukama naturinde ibihuhusi vyose.
9 Myandagaro 2015, 14:00, par MIBURO
BIRABABAJE CANE
9 Myandagaro 2015, 21:54, par Nkurunziza Vianney
numubabaro kubavyeyi bamwibarutse eka mbere n’igihugu ciwe no kubandi bose bumva ko ivyobintu bibabaje.ndahojeje umuryango wabuze ati mwihangane guko ari umugambi w’imana