Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
RDC : Abanyagihugu b’i Goma bagabishijwe ku kirunga ca Nyamulagira kigira (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC : Abanyagihugu b’i Goma bagabishijwe ku kirunga ca Nyamulagira kigira (...)

RDC : Abanyagihugu b’i Goma bagabishijwe ku kirunga ca Nyamulagira kigira kize

lundi 14 Ndamukiza 2014

Ikirunga Nyamulagira, kiri mu ntara yo mu buraruko bwa Kivu mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo catanguye kwibonekeza, umwotsi n’iminyota akaba arivyo birangwa muri ico kibanza.

Nk’uko vyashikirijwe n’umuyobozi ajejwe igisata co gusuzuma ibijanye n’ibirunga, OVG (Observatoire Volcanique de Goma), Kaco Karume, kuri uwu wa mungu wa 13 Ndamukiza, umwotsi mwinshi werekana ikirunga ko kigira kize, watanguye kwibonekeza i Goma.

Uwo muyobozi mu gisata kiraba ivy’ibirunga akaba yabishikirije inyuma y’igendereza yagize ari mu ndege y’ishirahamwe mpuzamakungu ya ONU mu kibanza c’ahari ikirunga Nyamulagira.
Buramatari w’intara yo mu buraruko bwa Kivu, Julien Paluku yagendereje nawe nyene muri ico kibanza kiberamwo ikirunga Nyamulagira, avuga ko abanyagihugu bo muri ako gace, bazokwimurwa kugira ico kirunga catanguye kwibonekeza ntikibahitane.
Yahamagariye abanyagihugu kwicungera na cane cane mu bijanye n’isuku, kuko imyotsi n’iminyota vy’ibirunga vyatanguye gutumuka mu mpande zitandukanye.
Akaba yashimiye inteko za MONUSCO ziringowe na Martin Kobler kubona zashoboye gutegekanya indege iza kugira iperereza ahari ivyo birunga kugira bikingire bataronerwa.

Mwomenya ko ku munsi wa kane wa 11 Ndamukiza, igisata kijejwe gusuzuma ibijanye n’ibirunga camenyeshe je ko ikirunga Nyamulagira gishobora gushika mu minsi mike.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.