Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC : Abasirikare ba ONU bariko bategura igitero kidasanzwe
RDC : Abasirikare ba ONU bariko bategura igitero kidasanzwe
vendredi 26 Mukakaro 2013
Imiryango itabara imbabare muri Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Congo ivuga ko itewe impungenge n’igitero kiriko gitegurwa n’ingabo za ONU muri ico gihugu kuko gishobora gutuma ibintu birushirizaho kumera nabi ku bijanye n’umutekano w’abanyagihugu.
Umuryango Refugees International wamenyesheje ko ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryari rikwiye kubanza gutegura ingingo zo kubungabunga umutekano w’abanyagihugu kugira bakinge ingaruka bashobora guterwa n’ igitero kiri hafi gukorwa n’ abasirikare ba ONU bagera ku bihumbi bitatu (3000) bo mu mugambi udasanzwe ujejwe guhasha abarwanyi babarizwa mu burasirazuba bwa Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Congo.
Nk’uko amakuru dukesha BBC abimenyesha, mu ntumbero yo kwitegurira ico gitero bavuga ko kizoba kidasanzwe, izo ngabo za ONU zaratanguye gukora ibikorwa vyo kwirarira (amarondo).
Ikibazo c’umutekano muke mu burasirazuba bwa Congo akaba ari kimwe mu vyari biraje ishinga inama ya ONU ishinzwe umutekano kw’isi. Muri iyo nama, ku rutonde rw’ ivyigwa harimwo ikibazo c’umutekano muke uvugwa muri Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Mwomenya ko kubera uwo mutekano muke, abantu barenga imiliyoni zibiri n’igice aribo bamaze guta izabo bagahunga.
Egide Nduwimana