Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
RDC : Abasoda ba Congo bafashe ibirindiro bine vya FDLR - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC : Abasoda ba Congo bafashe ibirindiro bine vya FDLR

RDC : Abasoda ba Congo bafashe ibirindiro bine vya FDLR

vendredi 27 Ruhuhuma 2015

Umuvugizi w’igisoda ca Repuburika iharanira Demokarasi ya Congo, General de Brigade Leon Richard Kasonga, amenyeshako ko bagize ibitero ku birindiro vya FDLR, mbere ibirindiro bine vy’abo bagwanyi vyafashwe.

General Kasonga avuga ko bashoboye gufata ibirindiro vya FDLR vyari biri ahitwa
Mulenge, Nyundwe, Kanyovu na Lulingwe hasanzwe hari ibirindiro bikuru vyabo bagwanyi. Umuvugizi wa FARDC (Forces Démocratique de liberation du Rwanda) avuga ko bashoboye kwica abasoda ba FDLR batatu,bafata babiri hamwe n’abavukanyi babo batatu.

General Kasonga kandi avuga ko bashoboye gufata ibigwanisho vyinshi binini binini biri mu bwoko bwa PKM (Mitralleuise Kalachnikov)n’amasasu yazo hamwe nibindi bigwanisho bito bito. Umuvugizi wa FDLR, La Forges Fils Bazeye, aremeza ko ivyo bitero vyabaye kuri FDLR, kandi ko babuze abagore, kugeza ubu batazi iyo bahungiye. Abandanya anegura ivyo bitero, mu gihe yemeza ko bari baramaze gushira ibirwanisho hasi.


Akimboneza Ornella

Messages

  • ariko abobantu yo manawe bariko baraziriki

  • Amkungu yarase kubafasha iyobahungiye, Kagame abahukamwo namasasu incuronyishi ayomakungu arebera arinumira, ibisigazwavyabo baragenda bibera mumashama barisha ivyatsi nkibikoko vyomishamba amakungu arebera arinumira, ayomakungu atinutwodusigazwa ntidukeneye kukwuca arasemererango uwushakako dukomeza gukorana nagende atumarize aturase twose! Congo ati ntakundi!. Gezaho, kandindababwirako murwanda muri 94 barahondaguranye amakungu arebera none raba abanyarwanda bahungiye Congo igihe bagahondaguriwe amakungu arebera none abanyarwanda bacumuyiki kw’Imana gayemwe!?. Muburundi habaye agahuha gatogusa amakungu arahagurukira icarimwe nonegayemwe dukurikiranye kuvyakabaye kubayarwanda amakungu arebera kugeranunomusi twovugako abanyarwanda batakiri abokwitabwaho nkabandibantu bomubindibihugu?

  • Nukuri nagahomera bunwa kuko abobantubarazira iki efuperi yarinze itera udwanda ibaye mubugande imyaka ingahe ko ayomakungu atabarasiye mubugande akonakabonero ukubita uwutagusubiza navyo nubwicanyindengera butungane ahatugowe

  • Ni batahe i wabo,ni baje mu Rwanda birabire ivyo umwe batuka kwari mwicanyi ivyo yakoze mu mwaka mike . Va moko mwa bantu ivyo birashaje.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.