Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC: Abatavuga rumwe na Reta bamenyesha ko bagiye guhangana (...)
RDC: Abatavuga rumwe na Reta bamenyesha ko bagiye guhangana nayo
vendredi 18 Nyakanga 2015
Ishirahamwe rihurikiyemwo imigambwe indwi itavuga rumwe na Reta ya Republika ihara Demokrasi ya Kongo G7,rimenyesha ko rigiye guhangana na Reta,inyuma yaho umukuru w’igihugu yirukanye bamwe mu bashikiranganji barivamwo.
Mu kiganiro ryahaye abamenyeshamakuru kuwa kane igenekerezo rya 17 Nyakanga 2015,ishirahamwe G7 ryavuze ko mu minsi ya vuba rizoshira ahabona imigambi itandukanye rizogenderako.
Abakuru b’ishirahamwe G7 baburiye umukuru w’igihugu Joseph Kabila ko kutubahiriza ibwirizwa nshingiro bishobora kubangamira umutekano w’igihugu.
Abirukanywe muri Reta,bazize kuba bandikiye umukuru w’igihugu Joseph Kabila bamubuza kuguma ku butegetsi ikiringo ciwe kimaze kurangira mu mpera z’umwaka uza w’2016.
Ibwirizwa nshingiro ritegekanya ko ikiringo ca kabiri c’umukuru w’igihugu Joseph Kabila kizohera mu mwaka uza ,ariko wewe ntaravuga nimba atazosubira kwitoza.
Van Naris Mugisha
Messages
19 Nyakanga 2015, 22:06
Batanguye kare bazohava baruha kandi bamuhaye umwanya wo kwitegura neza. ni barindire amatora abanyagihugu bazoca urubanza.
19 Nyakanga 2015, 22:09, par Gakozi Emmanuel
Batanguye kare bazohava baruha kandi bamuhaye umwanya wo kwitegura neza. ni barindire amatora abanyagihugu bazoca urubanza.
20 Nyakanga 2015, 06:07, par Achawasem
Bantu bimana biragoye.