Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
RDC: Agahengwe kabonetse i Kinshassa n’i Goma - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC: Agahengwe kabonetse i Kinshassa n’i Goma

RDC: Agahengwe kabonetse i Kinshassa n’i Goma

samedi 24 Nzero 2015

Inama nkenguzamateka yo muri Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Congo, yemeje ko bahindura integuro y’itegeko rigenga amatora ryateje induru muri ino minsi aho abatari bake bihereje amabarabara.

Inama nkenguzamateka ikaba yakuyemwo ingingo yarigutuma amatora y’umukuru w’igihugu yarateganijwe umwaka uza, ashobora kuzokwigizwa inyuma bigatuma umukuru w’igihugu Yozefu Kabila, aguma ku butegetsi nk’uko abarwanya ubutegetsi babivuga.

Biteganijwe rero ko mundwi iza inama nshingamateka hamwe na nkenguzamateka zose uko ari zibiri ariho zizotora ubwa nyuma iryo tegeko. Umuhora ngurukanabumenyi Internet wasubiye ho inyuma yaho Reta ifatiye ingingo yo kuyugara kugira ngo ipfuvye ibikorwa vy’abari mu myiyerekano, ariko amaterephone ngendanwa yo aracafise ibibazo.

Ivyo vyatumye hagaruka agahengwe i Kinshasa ku murwa mukuru wa Congo, no mu gisagara ca Goma na Bukavu ahari hadutse imyiyerekano. No kuri Kaminuza y’i Kinshasa hagarutse umutekano inyuma yaho igiporisi cinjiriyeyo kikarwana n’abari mu myiyerekano, kikanafata bamwe muribo, ndetse kigatera ivyuka bikoroza amosozi abanyeshure kibasanze mu vyumba bararamwo.


Floxella karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.