Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC : Colonel Mamadou Ndala yaguye mu gitero
RDC : Colonel Mamadou Ndala yaguye mu gitero
vendredi 3 Nzero 2014
Umuvugizi wa Reta muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo yamenyesheje ko umukuru w’ingabo za Reta zirwanya intagondwa zo mu barwanyi ba ADF-Nalu, Colonel Mamadou Ndala yishwe.
Lambert Mende, umuvugizi wa Reta ya Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo yabandanije avuga ko Colonel Mamadou Ndala yaguye mu gitero mu ntara ya Kivu yo mu maja ruguru, mu gitero bivugwa ko catewe n’abarwanyi b’’intagondwa bo muri ADF-Nalu, intagondwa zikomoka muri Uganda zigendera ku migenzo ikomeye y’idini rya isiramu.
- Lambert Mende, umuvugizi wa Reta ya Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo
Colonel Mamadou Ndala yagize uruhara runini igihe abarwanyi ba M23 batsindwa, mu kwezi kwa Munyonyo, umwaka twaraye dusozereye.
Ingabo z’igihugu, zibifashijwemwo n’ingabo za ONU zishinzwe kubungabunga umutekano, bariko bararwanya imirwi myinshi y’abarwanyi bitwaje ibirwanisho, bibonekeza mu burasirazuba bwa Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, akarere gahana imbibe na Uganda, Rwanda n’Uburundi.
- Colonel Mamadou Ndala
Egide Nduwimana
Messages
3 Nzero 2014, 14:33, par Coldman’Zi
"Habwirwa benshi hakumva benevyo"
C/O Urupfu rwa John Savimbi na Laurent Désiré Kabila
Umusirikare wese iyo agiye ku rugamba, ntawuzi ko agaruk’amahoro. Ariko kuvuga ko umukuru w’inteko z’abasirikare vyashitse akarwa mu gitero, ni ukuvuga ko abarokotse ari imparurwa. Bisubiye, atari uwikitse mu kiza akarasa nk’uko vyagenze kuri Laurent Désiré Kabila, nta muntu mukuru apfa mwene uko bitateguwe n’ibihangange. Igitangaje kandi giteye amakenga ku bwanje, ni ukumva ko urupfu rwa Colonel Mamadou Ndala (yarwanije M23 financé par FPR de Kagame) rwahuriranye n’igandagurwa rya Patrick Karegeya (ex-bras droit de Paul Kagame) directeur général des renseignements extérieurs du Rwanda jusqu’en 2004, avant sa disgrâce et son départ en exil muri Afrika du Sud. Ibi bisigura iki? Iterabwoba no kwerekana ko la clique Museveni-Kagame ari ibihangange dans la Région des Grands-Lacs. Garur’akenge barundi. Kumbure mwame mwaravye aho hose muherereye.
4 Nzero 2014, 18:24, par Kirinyota
Imana imwakire mu bayo niba yarayikoreye! gupfa nako n’ibisanzwe umuntu wese afise isaha yiwe ntarengwa quelque soient les circonstances. Mr/m Golman’Zi. Laissez Kagamé/Museveni en paix. Occupez vous des problèmes de ton pays.