Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC : FDLR bagira bavugutirwe umuti wahawe M23
RDC : FDLR bagira bavugutirwe umuti wahawe M23
mercredi 6 Munyonyo 2013
Inyuma yaho abarwanyi bo mu muhari wa M23 birukaniwe ku birindiro bariko n’abasirikare b’igihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo bafashijwe n’ingabo za MONUSCO, ubu naho bagira batandukire abarwanyi ba FDR, birukanwe nabo ku birindiro vyose, nk’uko bivurwa na Lambert Mende umushikiranganji wo kumenyesha amakuru akaba n’umuvugizi wa Leta.
Mende avuga ko atakarwi na kamwe bagiye kwemerera ko kaguma kadogoya abanyagihugu bo mu gihugu cabo, ari naco gituma ubu naho uyo murwi w’abarwanyi ba FDLR bagiye guhagurukirwa kuko atakibanza na gito bafise mu gihugu cabo. Inyuma,rero yo kwirukana M23 ku birindiro vyose, Leta ya Kongo Kinshasa yavuze kuri uyu wa 5 Munyonyo, ko intumva za FDLR nazo bagira bazihagurukire, kuko bo babagiriza no gufata abakenyezi n’abakobwa ku nguvu eka ndetse no kunyuruza abantu, bagasarura imirima ya barundi atacamira, co kimwe no kwiba ibitungwa.
Mende akaba avuga ko FDLR yo bagiye kuyigira nk’akaravyo, mu gihe na M23 wari warigize Leta mu zindi ubu birukanywe ubutarariye ku birindiro vyose bari bariko. Mu kamenya ko ico gihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, ari kimwe mu bihugu vya Afrika yo hagati bifise uturwi twinshi tw’inkozi z’ibibi ku butaka bwaco, ndetse imirwi imwe ikaba iri ku ntonde z’imirwi igira iterabwoba.
Aristide Nizigire
Messages
6 Munyonyo 2013, 23:58, par kazungu eric
ahubwo nibagire vuba kugirango twibonere amahoro mukarere
7 Munyonyo 2013, 02:08, par tharcisse
Sinzi kweli ko muzobishobora kuko sinibazako arabana nabo!arikoni mugerageze,subwambere ivyo mubivuga.
7 Munyonyo 2013, 06:31, par nzeyimana
Ababarwanyi ba M23, Na Fdrl. babashaka iki? mwabaretse bakibera muriryoshyamba, ibiganiro , arusha2
8 Munyonyo 2013, 22:19, par Bucumi
Uyo mugabo Mende arasetsa, ngo bagiye gutuza FDRL? Reka turindire turabe, ariko iyo bamubaza combien d’officiers babaFdrl bari muri FARDC, canke uwo mubaza ama bligades na ma bataillon ya Fdrl angahe yafashije gutuza M23.