Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC: Gucika kw’imihora yo gutumatumanako amakuru
RDC: Gucika kw’imihora yo gutumatumanako amakuru
mardi 20 Nzero 2015
Mu gihugu ca Repuburika ya Kongo, imihora ngurukanabumenyi niyo gutumanako amakuru (Internet,reseaux sociaux,SMS) yacitse mu gihugu cose.
Kuva ejo igenekerezo 19 Nzero, isaha zibiri zo mw’ijoro, imihora yo gutumanako amakuru (internet, reseaux sociaux) yacitse muri Kinshasa mbere no mu gihugu cose ca Repuburika ya Kongo. Iryo cikwa ry’imihora ryibonekeje gushika uno munsi mu gatondo.
Umushikiranganji wo gutumatumanako amakuru hamwe n’umuvugizi wa Reta ya Congo ntibashoboye gutanga umuco w’igituma habaye iryo cika ry’imihora kandi bagahakana bavuga ko ataruhara babifisemwo. Aho ni mu gihe havugwa ko itegeko ryo guca imirongo yo gutumatumanako amakuru ryatanzwe n’abarongoye igihugu kugira abanyagihugu ntibaronke uko bohanahana amakuru yo kwitaba imyiyerekano.
Mwomenya ko mu gisagara ca Gombe n’ayandi ma kartier yo hagati mu gisagara, imihora yo gutumatumanako amakuru yatanguye gukora, mugabo bikavugwa ko amasasu yumvikanye ku ruhande rwa place de la victoire, hafi ya kaminuza ya Kinshasa.
Lorene Nubwabo
Messages
21 Nzero 2015, 12:38, par roza kamikazi
nibatware nka sauili bazoteba bashike.