Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC : Igipfungu ku rupfu rwa Mamadou Ndala
RDC : Igipfungu ku rupfu rwa Mamadou Ndala
lundi 6 Nzero 2014
Inyuma yaho colonel Mamadou Ndala yitabiye Imana mu Buseruko bwa Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo atewe igisasu kiri mu bwoko bwa rokete agaca yitaba Imana ari kumwe n’abasirikare bamucungira ubuzima, abanyagihugu bari basavye ko yohambwa i Goma.
Amakuru ava mu biro bikuru vy’umukuru w’igihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, avuga ko colonel Mamadou Ndala aza gushingurwa uyu munsi kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 6 Nzero uyu mwaka ku murwa mukuru Kinshasa.
Abagandaguye iyo ntwazangabo yo muri ico gihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo bakaba n’ubu bataramenyekana, mu gihe bamwe bavuga ko yoba ari imirwi irwanira aho mu Buseruko bw’ico gihugu na cane cane umurwi wa Alliance des forces démocratiques et de l’Armée nationale pour la libération de l’Ouganda (ADF-Nalu), abandi nabo bakavuga ko bashobora n’ukuba ari bamwe mu bo bakorana, mu gihe iyo ntwazangabo yafatwa nk’intwari mu karere k’Ubuseruko bwa Kongo, ku butwari n’ubukerebutsi yakoresheje mu gutuza abarwanyi b’umuhari wa M23, abo bakorana bakamuhora ko yari yabatwaye igikundiro, ndetse agashobora n’ukuduga amapete.
Tukaba twobamenyesha ko mu mpera z’iri yinga, urwaruka rurenga ijana rwo mu gihugu ca Kongo iharanira intwaro rusangi rwagize imyiyerekano rusaba ko uyo musoda yohambwa i Goma, abo nabo bakaba baciye basukwamwo ivyuka vyokera n’igiporisi. Amashirahamwe ataho yegamiye muri poritike nayo akorera i Bukavu yo mu Buraruko, akaba yahamagariye abanyagihugu ikigandaro c’uyu munsi wa mbere, kugira bibuke iyo ntwari.
Aristide Nizigire
Messages
7 Nzero 2014, 13:54, par Coldman’Zi
Colonel Mamadou Ndala, ni umusirikare w’umukongomani yitwararitse cane bimwe bitari bwaboneke mu nteko za RD Congo(ex-Zaire), kugire agarukire abenegihugu n’ubutaka bw’igihugu ciwe. Igikorwa yari ashinzwe kandi yiyumva mwo anashashariye, ni ukurandurana n’imizi abacangero b’abanyarwanda n’abaganda biziziye akarere ka Kivu. Ntariye umunwa kandi bivuye ku makuru y’i Kivu n’i Kinshasa, Mamadou Ndala akaba yagandagurishijwe na president Joseph Kabira. Vyagiye kuja mu buryo biciye ku basirikare mu nteko za Mamadou Ndala, cane cane umusoda(rwandais) yambaye amarori muzakubona kuri iyi lien sur youtube apres declaration de Ndala:
http://www. youtube.com
Le Colonel Mamadou Ndala déterminé à en finir avec les rebelles ouga
7 Nzero 2014, 14:46, par Coldman’Zi
Aristide Nizigire,
Reka imvugo y’ibipfungu mwama mwitwaje hama mutange n’imiburiburi umuco ku nkuru muh’abarundi ijanye n’igandagurwa rya Colonel Mamadou Ndala. Nta kurondera kure, umwansi akunze gufatira ku bo umuntu asanganywe. Ugurure http://www.youtube.com
250 enfants de Kagame abattus par le colonel Mamadou Ndala : Kabila en manœuvre pour son élimination
Canke
HTTP://WWW.BANAMIKILI.SKYBLOG.COM
Kabila offre un avion de chasse à Kagame et fait disparaitre le pilote t
22 Ndamukiza 2016, 19:13, par Niyongabo Forva
Jenifuza Ko Ugwogwaruka Mworureka Nuko