Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > RDC:Inzu ya Koffi Olomide yatewe amabuye bikomeye mu myiyerekano
RDC:Inzu ya Koffi Olomide yatewe amabuye bikomeye mu myiyerekano
mercredi 21 Nzero 2015
Mu gihe mu gihugu ca Repuburika ya Congo imyiyerekano ibandanya yibonekeza hirya no hino, ubu n’inzu y’umuririmvyi Koffi Olomide yatewe bikomeye n’abariko baragira imyiyerekano.
Mu myiyerekano ibera mu gihugu ca Repuburika iharanira demokarasi ya Congo, abariko barayigira bateye bikomeye inzu y’igihangage Koffi Olomide mu gihe basaba ko itegeko rigenga amatora ryohindurwa, kugira Joseph Kabila ntasubire kwitoza mu matora azoba muri 2016, canke ngo abandanye atwara iyindi myaka ibiri. Inzu rero ya Koffi Olomide iherereye mu gace kitwa Matonge mu gisagara ca Kinshasa, ikaba yononekaye cane.
Amakuru dukura i Kinshasa avuga ko n’ubwo Koffi Olomide akundwa cane muri ico gihugu, ntivyabujije abariko baragira imyiyerekano gutera inzu yiwe, kandi bikavugwa ko benshi muri bo ari abakunzi biwe.
Gushika ubu Koffi Olomide ntaco aravuga ku vyerekeye ivy’ico gitero, mugabo bikavugwa ko icatumye batera inzu yiwe, ari kubera imigenderanire uwo muririmvyi afise na Reta itwarwa na Joseph Kabila.
Lorene Nubwabo
Messages
22 Nzero 2015, 08:27, par jpierre
birakwiye kubera akarorero reta ya nkurunziza
22 Nzero 2015, 08:27, par jpierre
birakwiye kubera akarorero reta ya nkurunziza