Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
RDC : Isanganya ya gari ya moshi yahitanye abantu barenga ijana - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC : Isanganya ya gari ya moshi yahitanye abantu barenga ijana

RDC : Isanganya ya gari ya moshi yahitanye abantu barenga ijana

jeudi 24 Ndamukiza 2014

Igari ya moshi yagize isanganya i Katanga hafi y’i Kamina mu Buseruko bushira Uburaruko bw’igihugu ca Reta Iharanira Intwarorusangi ya Congo. Ku birometero 600 ija i Lubumbashi niho iryo sanganya ryabereye. Abahasize ubuzima bakaba barenga kw’ijana.

Nkuko vyamenyeshejwe n’ubutegetsi bwa Reta Iharanira Intwarorusangi ya Congo, kuri uyu wa kabiri 22 Ntwarante, hari igari ya moshi yagize insanganya bivuye kuguta inzira yayo, ica ihitana ubwo nyene ubuzima bw’abagera kuri 57.

Ariko igiporisi kiriko kiragira amatohoza kuri iryo sanganya, kimenyesha ko igitigiri c’abapfuye kigenda kiriyongera. Gushika ubu, ibiziga vy’abarenga 100 akaba arivyo bimaze gutorwa, abagera kuri 86 nabo bakaba bakomeretse.

Timothée Mbuya, umukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ry’agateka ka zina muntu i Lubumbashi akaba yamenyesheje ko ibiziga vy’abapfuye vyaciye bishingurwa ubwo nyene kuko ata vyumba bikanyisha vyo kubabika bihari.

Umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu hamwe na buramatari w’intara ya Katanga bakaba baciye banyarukira ahabereye iryo sanganya naho hatari horoshe gushika kuko ari mw’ishamba rya nyaga nande.

Bivugwa kandi ko inyuma y’ibidandazwa bitari bike iyo gari ya moshi yaritwaye, hari abantu barenga ijana bayigenderamwo mu buryo budaciye mu mategeko kuko hari abayigenderamwo bicaye hejuru kuriyo.

Mwomenya ko ku miduga 19 yari itwaye, iyigera kuri 15 yose yaguye hasi, hakaba hari abantu yaguyeko babuze ingene bavayo, bigasaba ko harinda kuza ikimashinkipima nk’amatoni 100 kugira kiyibakureko. Amahirwe yo gutora abantu simenshi kuko aho hantu habereye iryo sanganya hatoroshe gushika kuko n’imiduga bitoroshe kwihashika kubera uruzi ruhari. Abamaguru nibo bashobora kuhashika.


BUKURU Mariella

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.