Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC : Moise Katumbi arumvirizwa kuri uwu wa mbere
RDC : Moise Katumbi arumvirizwa kuri uwu wa mbere
lundi 9 Rusama 2016, par
Moise Katumbi yiteze kubazwa ku birego vyo guhemba abacangero b’abanyamahanga.
Abunganira Moise Katumbi imbere y’amategeko, bavuga ko yatumweko ku munsi wa gatandatu igihe abo mu nteko zicungera inzego batera umukwabu inzu yiwe.
Uwu yahoze ari buramatari w’intara ya Katanga, arahakana ivyo aregwa, akavuga ko ahubwo ari ukurondera kumucapfuza.
Umukuru w’igihugu Joseph Kabila, yagiye ku butegetsi kuva mu 2000, n’ubu ntaco aravuga ku bijanye no gukinjura uwu mwaka, nk’uko ibwirizwa nshingiro ririho ubu ribitegekanya.
IGIHE
Messages
10 Rusama 2016, 13:11, par minanisalvator
none. kobavugango. nkurunziza. niweyasekuvakogusa’wumvabitagoye’ahubwombona. nkamuseveni. nabandinkawe, acobaribakwekuvuga,. mpanurebeshi. gutwarabiraryoshe
13 Myandagaro 2018, 12:38, par mateusi
none jewe dibaza kuriyinkuru ya moise katumbi none ko yatwaye intara ya katanga yitwa umukongomani uburero kohagezeko yitoza mikibanza c’umukuru w’igihugu arabaye umunyamahanga?iyingeso abafrika dukwiye kuyiheba nahubundi ntahotuzokwishikana kubera amacakubiri.
13 Myandagaro 2018, 20:45, par manu
nibareke moise katumbi ajemumatora numubyeyi