Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
RDC: Umugera wa ebola uratandukanye na ebola iri muri Guinée - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC: Umugera wa ebola uratandukanye na ebola iri muri Guinée

RDC: Umugera wa ebola uratandukanye na ebola iri muri Guinée

mercredi 3 Nyakanga 2014

Bisunze amatohoza, Reta ya Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo (RDC) yemeje ko ikiza ebola cateye mur’ico gihugu gitandukanye n’icateye muri Afrika y’Uburengero.

Abashakashatsi bo mu kigo mpuzamakungu c’ubushakashatsi mubuvuzi (Centre international de recherche médicale) muri Gabon bakaba bamaze gutora igice c’inyishu cerekana ko ari ubundi bwoko bw’uyo mugera wa ebola, bwegereza ibiza vya ebola vyateye mu 1976 no mu 1995 mur’ico gihu ca Congo, nk’uko vyashikirijwe na Eric Leroy, arongoye igisata caho bapimira (laboratoire CIRM).

Akavuga ko ikiza kiri muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo kitazananye n’ikiza kiri mu gihugu ca Guinée, ko ubwo bwoko, naho buri mu murwi umwe w’umugera ebola, budasa nagato n’ubwoko buri muri Guinée.

Ivyo bipimo vyatowe bikerekana ko ikiza kiri muri Afrika y’Uburengero ataho bihuriye n’ikiri muri RDC. Ariko rero uburyo bwo kucikingira buguma ari bwabundi : gushira ahiherereye abagwaye, gukingira abaganga no guhimiriza abanyagihugu kudakora kubagwaye.

Igitigiri cabahitanywe na ebola muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo, catowe n’ishirahamwe mpuzamakungu y’amagara y’abantu (OMS), kikaba gishika kuri 31.


Nadege Irakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.