Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
RDC : Umuhari M23 wagiriza igisirikare ca Congo gutoba ibiganiro (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC : Umuhari M23 wagiriza igisirikare ca Congo gutoba ibiganiro (...)

RDC : Umuhari M23 wagiriza igisirikare ca Congo gutoba ibiganiro vy’amahoro

jeudi 17 Gitugutu 2013

Umuhari wa M23 urahakana kuba waragize igitero ukiyamiriza n’ibibanza vyafashwe n’igisirikare co mu gihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo (FARDC). Abasirikare b’abakongomani bakaba bahawe amasaha 48 yo kuba bavuye muri ivyo bibanza bigaruriye. Bivurwa mbere ko habaye ukutumvikana hagati y’abaroberi n’igisirikare ca Congo.

Mu gihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo, abaroberi bagiriza igisirikare kuba batoba ibiganiro bijana mu nzira y’amahoro. Abo baroberi nyene bavuga ko igisirikare ca FARDC ko cigaruriye ibibanza biri mu buseruko bw’igihugu ca Congo. Umuyobozi w’abaroberi ba M23, Bertrand Bisimwa akavuga ko biyamirije integuro iyariyo yose y’ibitero igisikare FARDC yerekeza ku murwi wabo, na cane cane bakiyamiriza ibitero bigayitse ico gisirikare giheruka kugira. Aho bikavurwa ko umurwi M23 wari watewe mu bucagucabu bwo kuri uyu wa kabiri n’igisirikare FARDC i Kanyamahoro.

Bernard Bisimwa ati : "Dushimye kubivuga ku mugaragaro kuko twibaza ko ryoba ari iterabwoba rije kurwanya umugambi ushikana ku mahoro, ivyo navyo tukaba tudashobora kuvyihanganira ataco dukoze’’.

Ku ruhande rw’igisirika ca FARDC bakaba bahakana ivyo birego. Abategetsi b’igihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya ya Congo bakavuga ko ata gitero bigeze bagira ahubwo ko ari umuhari M23 waje kubasomborotsa. FARDC ivuga ko bipfuza ko ibintu vyohinduka mu maguru masha, kugira bashike ku mahoro arama.
Kubwa Lambert Mande, umuvugizi wa Leta ya Congo, FARDC yakurikije ivyasabwa na Leta aho ivuga ko akazi kabo ari ako kwivuna umwansi gusa. Mende arabeshuza kandi ko ataribo bagiye gutera i Kanyamahoro ahubwo ko ari umurwi M23 wabasomborokeje.

Mu gihe igihugu ca Leta nzunze ubumwe z’Amerika cagiriza igihugu c’Urwanda kuba gishigikira urwaruka ruri mu gisirikare ca Congo, n’abari mu Rwanda mu gushigikira umuhari M23, Urwanda rwo rubandanya rubihakana. Umukuru w’igihugu c’Urwanda Paul Kagame amenyesha ko abantu bihenda mu kwihuta kuvuga ibitarivyo. Abandanya avuga ko mu gihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo bivugwa ko hari akarwi gatwara abana bakiri bato mu kiroberi, ko ivyo bagiriza Urwanda bobibaza abo nyene, hama bareke guta amakosa ku Rwanda.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.