Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
RDC: Umurwi utegura amatora wigije inyuma amatora y’aba buramatari - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC: Umurwi utegura amatora wigije inyuma amatora y’aba buramatari

RDC: Umurwi utegura amatora wigije inyuma amatora y’aba buramatari

mardi 25 Myandagaro 2015

Umurwi wigenga utegura amatora mu gihugu ca Republika iharanita intwaro rusangi ya Kongo,wigije inyuma amatora y’abakuru b’intara yari ategekanijwe kw’igenekerezo rya 31 Myandagaro 2015.

Mw’itangazo ry’umurwi wigenga utegura amatora,uwo murwi umenyesha ko ayo matora yungururijwe kw’igenekerezo rya 6 Gitugutu,kubera ibibazo bijanye n’itunganywa rishasha ry’intara.

Umurwi utegura amatora umenyesha ko ikibazo nyamukuru gishingiye kuko inama nshingamateka ku rwego rw’intara,zarangije ikiringo kandi kandi zitariga kuri ico kibazo.

Muri iryo tangazo,umurwi wigenga utegura amatora,umenyesha ko uriko uriga inzira vyokorwamwo kugira batunganye ikirangaminsi cohura n’itunganywa rishasha ry ‘intara zishasha.

Mu kurindira,umurwi CENI utegura amatora mu gihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo,waciye wigizayo ikiringo co gushikana ibisabwa kugira umuntu aronke uburenganzira bwo kwitoza mu murwi CENI,canke bwo kwuzuza abari batanze izidakwiye.


Van Naris Mugisha

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.