Accueil > Inkino > FOOTBALL > Real Madrid na Atletico Madrid mu rukino rwa nyuma : Ni nde (...)
Real Madrid na Atletico Madrid mu rukino rwa nyuma : Ni nde muhigwe?
jeudi 1er Rusama 2014
Amahiganwa ya Champions League yaraye asobanuye imirwi kuva mu mwaka uheze yariko itana mu mitwe kugira ishike ku ntsinzi maze itahukane igikombe gikomeye co ku mugabane wa Buraya. Imirwi yo mu gihugu ca Espagne niyo igiye guhangana mu rukino rwa nyuma.
- Abakinyi ba Real Madrid
Urukino umurwi wa Chelsea watsindiwemwo na Atletico Madrid rwarangije inkino z’igice ca kabiri gishira ica nyuma. Imirwi ya Atletico Madrid na Real Madrid yo muri Espagne niyo izokina urukino rwa nyuma ruzoba kw’igenekerezo rya 24 Rusama. Hazoba ari ku kibuga c’i Lisbonne muri Portugal. Espagne yari ifise imirwi 3 yari yayiserukiye, harimwo na FC Barcelone yavuyemwo mu gice ca kane c’amahiganwa. Umurwi wa Atletico Madrid uri kw’isonga ry’inkino za La Liga ku manota 88 naho uwo murwi usigaje inkino 3 harimwo urwo uzokina na FC Barcelone kw’igenekerezo rya 18 Rusama, Real Madrid ufise ikibanza ca kabiri ku manota 82.
Mu nkino 35 zo muri La Liga, Atletico Madrid imaze gutsindwa kabiri gusa kandi naho nyene watsinzwe n’imirwi isanzwe nka Osasuna. Uwo murwi ufise urukino rwo kw’igenekerezo rya 18, inyuma y’iminsi 6, uheze uhangane na Real Madrid
- Abakinyi ba Atletico Madrid
Mwomenya ko kuva muri Ruheshi 2013 ariho ishirahamwe rya Buraya ry’umupira w’amaguru (UEFA) ryatanguje amahiganwa ya Champions League ku ncuro ya 59. Imirwi 76 iva mu bihugu 52 biri muri UEFA niyo yitavye ayo mahiganwa.
Chérif Nkeshimana
Messages
8 Myandagaro 2015, 18:04, par NSENGIYUMVA INNOCENT
REAL MADRID NDAYIKUNDA SINZOYIHEBA
28 Ruhuhuma 2016, 09:46, par VYIZIGIRO
umurwi ware Real Madrid Ndawukunda Ndawiphuriza Incinzi ibihevyoshe
30 Ndamukiza 2016, 07:39, par IRANKUNDA Triphon
Jewe Iciyumviro,corwanje, Nuko Nokwipfuriza,itsinzi Realmadrid. Nkuko namyendayiha Amahirwe Kuva Ayamahiganwa Atanguye.
19 Ntwarante 2017, 19:07, par Innocent
Real Najewe Kuyiheba Numugani Nznkwama Ndayifana
1er Myandagaro 2017, 14:58, par Dusenge Etienne
jewe Real Ntayonzoheba Kuko Hariyo Abakinyi Bihangage Sinzoyiva Inyuma
16 Ndamukiza 2018, 11:52, par Alien
Jew Nagombaze Real Na Malaga Iyatsinze