Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Real Madrid yaraye yirahiye Galatasaray 3-0 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Real Madrid yaraye yirahiye Galatasaray 3-0

Real Madrid yaraye yirahiye Galatasaray 3-0

jeudi 4 Ndamukiza 2013

Umurwi wa Real Madrid waraye wirahiye Galatasaray yo mu gihugu ca Turukiya ku bitsindo bitatu ku busa. Abakinyi ba Real Madrid barerekanye ko urwo rukino bari barwiteguriye neza, aho mbere bari babasanze mu kibuga cabo ca Santiago Bernabeu.

JPEG - 21.9 ko

Umusatirizi rurangiranwa Didier Drogba akinira Galatasalay ntiyavyifashemwo neza, mu gihe Cristiano Ronaldo, Karim Benzema, na Gonzalo Higuain binjije ibitsindo bitatu vya Real Madrid ku munota w’icenda, uwa mirongo ibiri n’icenda, n’uwa mirongo irindwi na gatatu.

JPEG - 15.3 ko

Mu mwanya barindiriye urukino rwo gusubiriza ruzobera i Istanbul mu gihugu ca Turukiya amahirwe menshi ni aya Real Madrid kubw’ivyo bitsindo yaraye itsinze, naho bazoba badafise abakinyi Xabi Alonso na Sergio Ramos bahawe ikarata y’umuhondo. Ku ruhande rwa Galatasaray, ntibizoborohera kandi kuko umusatirizi wabo Burak Yilmaz, ari nawe afise ibitsindo vyinshi atazoboneka muri urwo rukino rwo gusubiriza.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.