Accueil > Inkino > FOOTBALL > Real Madrid yatahukanye igikombe ca 11 ca Champions League (Amafoto)
Real Madrid yatahukanye igikombe ca 11 ca Champions League (Amafoto)
dimanche 29 Rusama 2016, par
Real Madrid yasubiriye kunezereza abakunzi bayo itwara igikombe ca UEFA Champions League ku ncuro ya 11. Real Madrid yaciye ibandanya kuba umurwi umaze gutwara ico gikombe incuro nyinshi kurusha iyindi mirwi yose kw’isi.
Iryo teka Real Madrid yaryiteye inyuma yo gutsinda mukeba wayo, Atletico Madrid, mu rukino rwa nyuma rwabereye i San Siro mu gisagara ca Milan, mu Butaliyano, ahari hakoraniye abakunzi b’umupira w’amaguru barenga ibihumbi 80.
Mu bice bitandukanye vy’isi naho, amamiriyoni menshi y’abantu yariko akurikirana urwo rukino ku Mboneshakure hamwe no ku buhinga ngurukanabumenyi bwa Youtube ku buntu.
Sergio Ramos niwe yinije igitsindo ca mbere ku munota wa 15, igitsindo caje kugomborwa na Yannick Carrasco wa Atletico Madrid ku munota wa 79 w’urukino.
Iminota 90 yarangiye imirwi yompi inganya igitego kimwe kuri kimwe, baca bikora ku maperenati. Juanfran yananiwe iya nyuma ku ruhande rwa Atletico Madrid, nayo Cristiano Ronaldo yinjiza iya nyuma ku ruhande rwa Real Madrid.
Ico gikombe ca UEFA Champions League ku ncuro ya 11 Real Madrid igitwaye iri kumwe na Zinedine Zidane, umumenyereza amaze amezi atanu gusa ari kumwe n’uwo murwi.
Amafoto
IGIHE
Messages
29 Rusama 2016, 13:35, par Nzorubara
Nigitware iragikwiye Zidane yakoze ibikorinka niyubahwe
29 Rusama 2016, 19:16, par privat
nigitware yar igikwiye
30 Rusama 2016, 10:39, par Aristide
nararyohe namatek y Zidane.
30 Rusama 2016, 15:39, par BADOGO
ZIDANE NUMUGABO ASUMBA BA MURIGNO
30 Rusama 2016, 21:51, par RUHIGITA MUTAMBARA/
ZIDANE NUMUGABO YADUKUYEKO ABANSI BA BARCELONA NDA MUKEJE RONALDO RAMOS BALE/NI INTARÉ ZA REAL MADRID NKABA NDAMUKIJE ABAFANA NKA PASCAL BAMO KABURAJ.MRIE BEBÉ YIRA LIÈVÉ OLIVIE CEGUÉ SINZO DIRECTEURNESTORE PROFJEROME ACHÈL NDABIPFURIJE GUKOMERA KURI RMD RONALDO NI KOMANDA KOKO KABISA.
30 Rusama 2016, 21:52, par RUHIGITA MUTAMBARA/
ZIDANE NUMUGABO YADUKUYEKO ABANSI BA BARCELONA NDA MUKEJE RONALDO RAMOS BALE/NI INTARÉ ZA REAL MADRID NKABA NDAMUKIJE ABAFANA NKA PASCAL BAMO KABURAJ.MRIE BEBÉ YIRA LIÈVÉ OLIVIE CEGUÉ SINZO DIRECTEURNESTORE PROFJEROME ACHÈL NDABIPFURIJE GUKOMERA KURI RMD RONALDO NI KOMANDA KOKO KABISA.
31 Rusama 2016, 20:01, par THEOPHILE
ZIDANE AGARAGAJE UBUHANGA KUBA ABAYE UMUTOZA IMISI MIKE AGATAHUKANA IGIKOMBE,RONALDO WE KOMEZA UBUHANGA NUBUBEMENYI UFISE IMANA IGUHEZAGIRE
31 Rusama 2016, 20:12, par WASAF
real madrid numugwi urimwo ibihange bikomey cne na cne cne nkumukinyi CR7 hamw n BALE
1er Ruheshi 2016, 11:50, par mugisha alain trésor
real madrid numurwi kugeza ubu utoroshe nagato kuva aho zidane ashikiy!turavy nka BBC yabo siyo gutuma umwa;eka cr7 yarerekany kwagishoboye!mubona arakwiy ballon d,or?naje ndabakeje!
2 Ruheshi 2016, 00:19, par Sylvestre
Ebana turanezerewe nokubona real madrid igitahukana kuko jew mfana real madrid ronaldon ni nyishu ya real madrid
17 Ruheshi 2016, 11:42, par Daniel NDAYISABA
Ego Vrema Irretse Atletico Kwarumwan Kuriyo, Hama Ndakeje Ramos W Yatanze Inguvu Mukronderera Inzinzi Real Hakiri Kare. Jew Nama Nshimira Uwinjij Kuko Abandi Barakinye Nyene Bikwiy, Ariko Ntibinjij! Ariko Nubwo Mvuze Uko Christiano Arakwiy Agashimwe Kubugabo.
19 Ruheshi 2016, 21:39, par Jean Damascène Niyonkuru
Jew Nipfuz K Mwoz Murandungikir Amafot Nkaz Ndayator Kurubug.Kand Jew Nipfuz K Real Madrid Yoguma Kwisong
15 Ruhuhuma 2017, 22:36, par nellyx
jew niphuza yuko real Madrid yokwitera intege igatora ni ca 12
23 Nzero 2018, 07:05, par Nkundimana J.Claude
Nagomba Komwoza Murampamakuru Y,inkino