Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Red bull mu binyobwa bifise ingaruka mbi ku magara y’abantu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Red bull mu binyobwa bifise ingaruka mbi ku magara y’abantu

Red bull mu binyobwa bifise ingaruka mbi ku magara y’abantu

mardi 1er Gitugutu 2013

Ikigo cishinze gukingira amagara y’abantu biciye muvyo bafungura ANSES (Agence de Sécurité Sanitaire de l’Alimentation) ryagabishije abanywa ibinyobwa bimwe bitanga inguvu (boissons énérgisantes), nk’akarorero RED bull, bazivanze n’inzoga canke bakazinywa bari mu myimenyerezo canke ikarashishi. Ico kigo kimenyesha ko bifise ingaruka mbi ku magara y’abantu.

Nk’uko bimenyeshwa n’ico kigo, hari abantu benshi bakunda bakunda kwihereza ico kinyobwa. Icegeranyo casohowe kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 1 Gitugutu n’ico kigo cishinze gukingira amagara y’abantu biciye muvyo bafungura, cerekana ko ivyo binyobwa bitari bikwiye kunyobwa bifatanijwe n’izindi nzoga, canke mu gihe umuntu ariko arakora imyimenyerezo ikomeye. Mu bisanzwe ivyo binyobwa bifise bimwe bita cafeine bitari bike, ku buryo ico kinyobwa gishobora gutera ingaruka mbi, harimwo n’indwara y’umutima. Ku bana hamwe n’imiyabaga, kunywa ivyo binyobwa birashobora gutuma abo bana bagira ingorane zo kubura itiro, canke naho bakaguma bisinzirirako ku murango. Ni nayo mpamvu ico kigo kigabisha cane abanywa ivyo binyobwa.

Ikindi kandi abantu barwaye indwara y’umutima barabuzwa kunywa ico kinyobwa hamwe n’abagwaye intandara, canke indwara zo mu mutwe, canke abarwaye indwara y’igitigu.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.