Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Redemption Voice mw’ihiganwa rya BEFFTA Awards 2013 mu Bwongereza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Umugwi > Redemption Voice > Inkuru > Redemption Voice mw’ihiganwa rya BEFFTA Awards 2013 mu Bwongereza

Redemption Voice mw’ihiganwa rya BEFFTA Awards 2013 mu Bwongereza

vendredi 18 Gitugutu 2013

Umurwi uririmba indirimbo zo gutazira Imana, Redemption Voice uri mubatowe kandi ubu bari mw’ihiganwa rinini ryitwa BEFFTA UK Awards 2013. Iryo higanwa uwo murwi urimwo rikaba rihuza abakora ibijanye n’ubugenegene (arts) butandukanye bukorwa n’abirabure bo mu mihingo yose y’isi. Redemption Voice ukaba witeze gutsinda ubifashijwe n’uwo wese akunda uwo murwi n’indirimbo za Gospel.

JPEG - 49.9 ko
Redemption Voice

Redemption Voice umaze kuronka ubushimwe bune kuva uyu mwaka w’2013 utanguye, urabandanya kugira ibakwe ryo kuba mu mahiganwa mpuzamakungu. Inyuma y’udushimwe mpuzamakungu Groove Awards ko muri Kenya hamwe na Afrika Gospel Awards ko mu Bwongereza, n’ubu isarura ntirirahera kuri Redemption Voice. Ubu uwo murwi ugizwe n’imisore 7 n’umwigeme umwe uri mw’ihiganwa BEFFTA UK Awards 2013 ryo mu gihugu c’Ubwongereza.

Mugisha Eric, umwe mu bagize umurwi Redemption Voice, yatumenyesheje ko nabo nyene batazi ukuntu bashitse muri iryo higanwa riri muyakomeye ku mugabane wa Buraya. Eric ati: “ Twaratangaye kuko twabisanze kurubuga ngurukanabumenyi rw’iryo higanwa”. Ariko ku bw’abagize Redemtion Voice, bibaza ko bashobora kuba babatoye bivuye mu mahiganwa bagiyemwo kandi bagatsinda. Redemption Voice umenyeshako wizeye gutsinda babifashijwemwo n’abakunzi babo ndetse n’abakunda indirimbo zo mu bwoko bwa Gospel. Ndetse gutyo bavugako ari naho umuziki wa Gospel wo mu Burundi womenyekana cane mu makungu. Nkuko indirimbo bitiriye urukurikirane rwabo rwanyuma rubivuga Imana “Yuguruye ntawugara”. Abagize uwo murwi bakavugako iryo jambo baritahuye ndetse ubu bariko bararibamwo.

Ugutora bikaba biriko biraba ku rubuga ngurukanabumenyi w’iryo higanwa rwa BEFFTA Awards. Urwo rubuga narwo akaba ari uru rukurikira: www.beffta.com . Umurwi Redemption Voice uri mu muce ugira 16. Muri uwo muce bariko bahiganwa n’abandi baririmvyi n’imigwi 7, aribo: Kay Morris, Emmy Kosgey, Nathaniel Bassey, Uche, Henrisoul na Preachers. Ugutora rero bikaba vyatanguye kw’itarike 6 Gitugutu bikazorangira kw’itarike 20 za kuno kwezi nyene.

Ihiganwa BEFFTA (Black Entertainment Film Fashion Television and Arts) uyu mwaka rihimbaza imyaka 5 rimaze ritanguye. Ni ihiganwa ryatangujwe n’uwitwa Pauline Long. Ni ihiganwa rihuza abakora ibitandukanye bijanye n’ubuhinga. Muri ubwo buhinga hakaba harimwo abaririmvyi, abakina amareresi, abamenyeshamakuru bo mu maradiyo nabo mu mboneshakure n’iyindi mice myinshi. Iryo higanwa rikaba ritanga ubushimwe ku mice 32. Abayijamwo akaba ari abirabure baba ku migabane yose yo kw’isi.


INGABIRE Luc-Noel

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.