IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > REGIDESO imenyesha ko umuriro waturiye T2000 utavuye ku vyuma (...)

REGIDESO imenyesha ko umuriro waturiye T2000 utavuye ku vyuma vyayo

mercredi 23 Nyakanga 2015

Ishirahamwe ritanga amatara n’amazi mu Burundi Regideso rirahakana ko umuriro wadutse mu mangazini y’abashinwa T2000 utavuye ku ngorane z’ubuhinga bwa muri REGIDESO.

Wilson Tangishaka umuyobozi w’igisata c’umuyagankuba mw’ishirahamwe REGIDESO amenyesha ko ishirahamwe REGIDESO ata ruhara na rumwe rifise mu muriro wahitanye T2000.

Kubwa Wilson Tangishaka,iyo umuriro wahitanye imangazini T2000 uba wavuye ku muyagankuba wa REGIDESO,ibikoresho vy’ishirahamwe REGIDESO nk’icuma gitanga umucanwa Transformateur canke igiharura umuyagankuba wakoreshejwe vyari kuba vyahiye.

Wilson Tangishaka avuga ko icatumye umuriro waduka mu mangazini T2000 corondererwa ahandi atari mw’ishirahamwe REGIDESO.

Mwomenya ko imangazini T2000 yahiye mu gatondo ko kuwa mbere igenekerezo rya 21 Nyakanga 2015.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.