Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Remesha Francis-Robert yatahukanye agashimwe mw’ihiganwa rya (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ibikorwa vyabaye > Remesha Francis-Robert yatahukanye agashimwe mw’ihiganwa rya (...)

Remesha Francis-Robert yatahukanye agashimwe mw’ihiganwa rya BBIN

mercredi 20 Munyonyo 2013

Ihiganwa "Shika 2013" ryari ryatunganijwe n’ishirahamwe BBIN ku rwaruka rufise imigambi yo kwiteza imbere ryasozerewe ku munsi w’ejo kuwa kabiri. Muri bahiganwe 200, abashika 20 nibo batowe mu bandi, bahabwa inyigisho zo kwitunganiriza imigambi. Batanu muribo bahawe amafaranga ashobora kubafasha gutanguza imigambi bashikirije.

Ku ncuro ya gatatu, uko umwaka utashe, ishirahamwe BBIN (Burundi Business Incubator) ryaratunganije ihiganwa ritanga akaryo ku rwaruka rwo mu Burundi ko gushira ahabona imigambi rubona ishobora kuruteza imbere, igashinga n’ubuzi ku bandi banyagihugu basanzwe badafise akazi.
Urwaruka rugera ku majana abiri nirwo rwari rwahiganye, ariko imigambi yafashwe ni mirongo ibiri gusa. Abatunganije iyo migambi yatowe barahawe inyigisho n’umurwi w’abahinga z’ingene botegura ibikorwa vyabo ku buryo n’aboyibona batohigimanga kubafata mu mugongo. Batanu muri abo mirongo ibiri Remesha Francis-Robert, Budoromyi Cynthia, Niyonzima Dylan, Nshimirimana Jean de Dieu, Nahayo Stephanie nibo batowe nk’abateguye imigambi yarushije iyindi. Baciye bahabwa agashimwe k’amafaranga ashobora kubafasha gutanguza ibikorwa vy’imigambi bashikirije.

Remesha Francis Robert, uwateguye umugambi watowe mu kibanza ca mbere yahawe ibahasha y’amafaranga imiriyoni cumi z’amarundi. Ku mugambi yatanze wo guhingura icayi gishobora kuzodandazwa mu Burundi no mu makungu, Remesha Francis Robert amenyesha ko azoshobora kwiteza imbere mu kwerekana akarusho kuvyari bimenyerewe mu rudandazwa rw’icayi. Ahamagarira urundi rwaruka kuvabanura n’ubunebwe, rwibuke ko rudashobora guhabwa akazi rwose na Reta.

Abo bashimiwe na BBIN kubw’imigambi bafise basavye amabanki kubizera mukubaronsa ingurane. Na Reta yasabwe kwama yitwararika gushigira abashoboye kwironderera ubuzi, haba mu kubaronsa ingurane, canke izindi mfashanyo.


Egide Nduwimana

Messages

  • salut nagombo gushima cane ibikorwa vyanyu nkico mwakoreye kur saint esprit mugabo iciyumvira canje rero nuko ibikorwa vyanyu vyoza biramenywa na bose ukuntu mukora aho mukorera mukaza muragendera nayandi mashura canke nimba umuntu abituye mumwakira canke mukamwereka uko mubitunganya kuko hari benshi bafise imigambi mugabo babura aho babariza uwobafasha nkuko mubikora donc courage murakoze

  • salut nagombo gushima cane ibikorwa vyanyu nkico mwakoreye kur saint esprit mugabo iciyumvira canje rero nuko ibikorwa vyanyu vyoza biramenywa na bose ukuntu mukora aho mukorera mukaza muragendera nayandi mashura canke nimba umuntu abituye mumwakira canke mukamwereka uko mubitunganya kuko hari benshi bafise imigambi mugabo babura aho babariza uwobafasha nkuko mubikora donc courage murakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.