Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Remy One aririmba ati:" Umurundi agayitse" - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Remy One aririmba ati:" Umurundi agayitse"

Remy One aririmba ati:" Umurundi agayitse"

mardi 14 Ndamukiza 2015

Umuririmvyi Remy One aragaya yiyamiriza Umurundi atemagura igihugu ciwe, agica imizi yinyegeje kubera inyungu ziwe. Uwo muririmvyi abivuga mu majambo ari mu ruririmbo rwiwe yise "Umurundi Agayitse".

Remy One ati:" Umurundi agayitse atemagura imizi y’igihugu akabikora mw’ibanga agatuka abatabikora, akaryanisha abavandimwe akurikira inyungu ziwe agahemukira igihugu camwibarutse ku mugaragaro izuba riva".

Uwo muririmvyi aravunira akagohe urwaruka ati:" Rwaruka ni twe Burundi bw’ejo tureke kujana nyabahururu ntidushake kwitwa Abarundi bagayitse".

Nk’uko Remy One abitubwira, ururirimbo "Umurundi Agayitse" ruzoja mu rukurikira rwitwa "Tupendane".

Umviriza amajambo ari mu ruririmbo "Umurundi Agayitse"


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Motrer Ukungene Yaririmvye

  • REMMY ONE,KUNDIRIMBO YIWE UMURUNDI AGAYITSE JEWE KUCO NOVUGA ABARUNDI BAGAYITSE BARIHO BINYEGEJE MUBANTU NKAMARASO YUMUGERA ,KUCO NOHANURA NUKO BOREKA GUHENDWA NABAPOLITISIEN KUKO IJO MUMFANA NIJWI NTAKINDI NTITUBEMERERE KO BADUKORESHA NKABAJA BABO KUKO NIYAMARA KUJA KUBUTEGETSI NTAZOKWIBUKA KO ARIWEWE WATUMYE ATWARA NIDUKANURE TUBONE NITWISHINGE DUHENDWA NAMARONGO CANKE NINZOGA NKATWE URWARUKA RWEJO DUKWIYE KWIHAGARARAKO TUKABEREKA KO NATWE TWACIYE UBWENGE REMMY ONE KURIYO NDIRIMBO UMURUNDI AGAYITSE IKWIYE GUKEBURA BENSHI ABARUNDI BARAYAMAZE BATI BIBWIRWA BENSHI BIKUMVUA NABENEVYO

  • iy ndirimb ya rèmy 1 nindrimb ij ifis amajamb ahant urwaruk kand akab arindrimbo yumunt yiyumviriy akabna nah tugez mugihug cacu vrma i respect him nabandany urugend arashoboy

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.