Accueil > Amakuru > Amashuri > Reta igiye kuraba uko yoza iratanga uburusho ku bigisha bemera gukora (...)
Reta igiye kuraba uko yoza iratanga uburusho ku bigisha bemera gukora hagati mu gihugu
vendredi 24 Ndamukiza 2015
Ingorane zifatiye kubura abigisha ziribonekeza na cane cane mu mu mashure yo hagati mu gihugu, ivyo bigatumwa n’uko bigoye kuronka, amazi meza, amatara, imboneshakure n’ibindi.
Juma Edouard umuvugizi w’ubushikiranganji bw’indero, avuga ko abafise impapuro za kaminuza badakunda kuja kwigisha hagati mu gihugu, Reta nayo ibicishije ku bushikiranganji bw’indero, iriko iriga ico kibazo, na cane cane ko igiye hutangura gutanga uburusho n’ibindi bishobora gutuma abigisha bahurumbira ivyo bibanza basanzwe baterekwa kujamwo ,n’kuko bikorwa mu bindi bihugu.
- Juma Edouard umuvugizi w’ubushikiranganji bw’indero
Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’indero aremeza ko kudafata kimwe abana b’Uburundi bituma haba ingorane nyinshi. Avuga ko hamwe usanga abigisha bafise impamyabushobozi zikwiriye, ahandi ugasanga atariko bimeze. Eka avuga ko kubura, inyabwonko, ibitabu, navyo bituma hibonekeza itandukaniro ridasanzwe ku bana bo mu bisagara no mu gihugu hagati.
Tukabamenyesha ko mu mugambi Reta yari yafashe yo kugabanya abigisha bavanwa mu bisagara bakajanwa hagati mu gihugu, bamwe mu bigisha bagaragaje amakenga ko vyabatandukanije n’imiryango yabo, abandi nabo bakanka kujayo, eka n’abandi usanga bagiye badashaka, ivyo bigashobora n’ugutanga umwimbu mubi mu mashure.
Bill Nkurunziza
Messages
26 Ndamukiza 2015, 21:12, par Joache Nduwayo
muhagarike iyo nduro turabana bi mana tukundane cane