Accueil > Imibano > Burundi: APDH rigiye kwigisha amategeko ingo n’imiryango
Burundi: APDH rigiye kwigisha amategeko ingo n’imiryango
mardi 19 Munyonyo 2013
Ishirahamwe rirwanira agateka k’abagabo batotezwa mu ngo zabo ari ryo APHD ( Association pour la Protection de l’Homme et de l’homme en Detresse) risaba ko Reta yofasha kugira umunsi mukuru w’abagabo ufatwe mu mugongo nk’uko yama ibigira ku munsi mukuru w’abakenyezi, mu gihe kuri uyu wa 19 Munyonyo ari umunsi wahariwe abagabo.
Vicent Bukuru arongoye ishirahamwe APHD imbere y’amategeko, avuga ko abagabo bamwe bamwe co kimwe n’abagore bamwe bamwe bakubitwa mu ngo zabo, ndetse hakagera naho bata ingo zabo, mu gihe hari n’abahitamwo kwihora. Iryo shirahamwe rero rikaba rifasha mu guhanura abagabo ko boreka kwihora no gutegura kwihora, ahubwo bagategura ibiganiro, vyofasha impande zibiri zitumvikana, kugira bonyene batorere umuti urama ibibazo vyabo. Iryo shirahamwe rikaba ribandanya no gutanga impanuro ku ngaruka mbi zibonekeza iyo abubakanye bafashe ingingo yo kuvana.
Bukuru akaba asaba ko ingo zorengera ibizitandukanya, utugorane twaduka, gurtyo bakaba bikingiye indyane zaduka hagati yabo. Abandanya avuga ko nk’uko mu mashengero bigisha abagiye kwubakana ukwo bokwigenza mu ngo zabo, ko ariko nabo mw’ishirahamwe arongoye bagiye kuzohora bigisha amategeko agenga ingo n’imiryango.
Kugira ivyo bishikweko, Bukuru amenyesha ko agiye gukorana n’amashirahamwe yo mu gihugu na mpuzamakungu aharanira agateka ka zina muntu. Ivyo akaba yabivuze mu gihe amakungu ariko arahimbaza umunsi mukuru mpuzamakungu w’abagabo uba kw’igenekerezo rya 19 Munyonyo ukwo umwaka utashe, ariko mu gihugu c’Uburundi uyo munsi ukaba utazwi cane.
Aristide Nizigire
Messages
20 Munyonyo 2013, 10:31, par NTUNGWANAYO
UMUGABO YAMA MUMUSI MUKURU NTIBIKENEWE KO AHARIRWUMUSI NK ABATEGARUGORI.
16 Myandagaro 2016, 20:48, par NDAYIZIGA Floribert
sigaho nta misi mikuru y’abagabo kuko barayiha uko babishatse abo bakubitwa nabo nuko ata bugabo bafise uwufise ubugabo ntakubitwa n’umugore ahubwo nibaza ko jewe iryo shirahamwe ritari agrée hamwe naho ryoba ryamewe nosaba ko ryofutwa ntirigira ifatiro.
13 Gitugutu 2016, 06:51, par Ndaribare Pierre
Har’abagabo Batari Bamerewe Nabi Mbere N’ukwomoka Akarorero N’umugabo Umwe Yomowe N’umugore Wiwe Abifashijwe Nasentare Aho Ni Muri Komine Gishubi K’umuTumba Wa Kayogoro Birabaje Kubona Womorwa MWitongo Wavukiyemwo Ntahagire Ijambo Ugira Kandi Araho Wavutse.