IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta y’u Burundi na PAM mu ruganda rwo guteza imbere gufungura (...)

Reta y’u Burundi na PAM mu ruganda rwo guteza imbere gufungura neza

vendredi 1er Ruhuhuma 2013

Abaserukira ishirahamwe riraba infungurwa kw’isi PAM rifadikanije na Leta y’u Burundi baratunganije uruganda kuri uyu wa kane igenekerezo rya 31 Nzero umwaka w’ 2013 mu ntumbero yo guhanahana ivyiyumviro ku bijanye no guteza imbere ibifungurwa,ivyo bikazofasha kugwanya ingorane zo gufungura nabi zihanze abarundi muri kino gihe.

Mu nama yabaye mu mwaka w’2011 , Leta yasabwa gukora ibishoboka vyose kugirango abantu bashobore kuronka ivyo bafungura bikwiye kandi bikwije ivya nkenerwa.Ni muri iyo ntumbero rero PAM yatunganije urwo ruganda kugirango abayitavye bamenye ingingo zishobora gufatwa kugirango ibifungurwa bishobore gutezwa imbere mu Burundi bwose .

JPEG - 37.8 ko

Jacqueline Ndayirorere, umuhanuzi mu biro vy’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu yari yitavye iyo nama yamenyesheje ko ivyo bizotuma ababangamiwe no gufungura nabi bahatorera agahengwe, gutyo abantu bose bashobore gufungura neza, ndetse ngo n’abana bizobafasha kwiga neza no kuronka amanota meza mw’ishure kuko bazoba bafise amagara meza .

Gukomeza ibifungurwa mu vyankenerwa bitandukanye bizotuma ibifungurwa bigira ivyunyunyu bitandukanye umubiri w’umuntu ukeneye, kugirango ashobore kubaho neza, birafasha kandi umubiri kurinda imigera y’indwara.

Kubw’ikigo mpuzamakungu gikora ubushakashatsi mu bijanye n’ibifungurwa IFPRI,ngo u Burundi burafise ibimenyetso vy’uko hari inzara kuko ibitigiri vyerekana ko u Burundi buguma busubira inyuma mu bijanye no gufungura neza , nico gituma Leta ibwirizwa gufata ingingo kugirango haboneke akarusho.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.