Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Reta y’Uburundi imenyesha ko itazokwitaba ibiganiro i Arusha - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Reta y’Uburundi imenyesha ko itazokwitaba ibiganiro i Arusha

Reta y’Uburundi imenyesha ko itazokwitaba ibiganiro i Arusha

mardi 5 Nzero 2016

Reta y’uburundi imenyesha ko idashobora kuganira n’abagirizwa gutembagaza ubutegetsi, n’abafashe inzira yo kurwana no gutera ingorane mu gihugu,igasaba kandi ko hoba umwumvikano hagati yyayo n’umuhuza ku matariki mashasha yoberako ibiganiro.

Umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu Joseph Bangurambona yavuze ko ata rindi sango ry’ibiganiro rirashingwa kuko ivyo Reta yasavye bitararonka inyishu.

Ku ruhande rw’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike, hari abavuga ko ata butumire bararonka hamwe n’Uburyo bwo gushika no kubabeshaho I Arusha, ahari hasanzwe hategekanijwe kubera ivyo biganiro kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 6 Nzero 2016.Bavuga kandi ko abaganira bose batazitaba ivyo biganiro.

Gilbert Beco Njangwa arongoye ishirahamwe ridaharanira ivyicaro vya politike ONELOPE avuga ko iyo hari uruhande ruvuze ko rutaja mu biganiro,iyo ugiye ataco uba ugiye gukora kuko utavuga wenyene.

Amakuru ava mu biro vy’umuhuza umukuru w’igihugu Yoweri Museveni amenyesha ko hari inama y’abaserukira ibihugu bigize ishirahamwe rya Afrika y’ubuseruko (EAC) kugira bavugane ku kibazo c’Uburundi.

Inyuma y’ibiganiro vyabereye i Entebbe kw’igenekerezo rya 28 Kigarama 2015,umushikiranganji w’imigenderanire Aime Nyamitwe yari yavuze ko itariki ya 6 Nzero 2016 batayumvikanyeko.

IGIHE

Messages

  • Hahahaha,ndatwenze Leta

  • none nkubu abobose ubona baguma baryana muvyisi,ntanumwe azi igihe azopfira**uko bukeye uko bwije ivyisi biguma biryoha utikebutse woherayo

  • erega uburaundi twarasezerey ukwaha kwabanyamahang bavyuvya barek turabarundi turashoboy vyose ibitabaraba bashinga mwigiti bakirenganir cank bakarab hasi

  • Nibabime ayomahera nakere niyatuma muhira akajagari muhira babahe amafaranga naze kwiyubakira amahaoteri nimpangu atabindi mugamije muhenda abarundi ngo mugiye mubiganiro kumbe mugiye mumagaburanyama gusa, turavyanse ibiganiro ni imbere mu burundi hanyuma bijemwo abarundi Bose ayomahera Batangas bayahe abarundi Bose nakare abobabijamwo ntawabatumye ngo gende muduserukire baserukira indazabo nabagorebabo na ba na babo, banyarucarinabi turikugwa muporera. Maze bivuga ki uwuzoja mubiganiro wear azokwimenya ikizimutungira yo namatati mu burundi yoca yahera, murakoze.

  • NTAGAHORA GAHANZE none mwashaka kuganira nababasiga amavuta?
    Nagira mwashaka kuganira nabonyene bakozivyo .Enda basi nimutwibuke twebwe babato mugende mubumvirize mugabo muratwenza UWOKUGABIRA IMODOKA ARIKO AKAKUBWIRA KO IPINE RIMWE YARIHAYE UWUNDI MUNTU WOCA UYANKA? NIMWEMERE MUSANGIRE CANKE MUHITEMWO KWUGURURA IMBEHO YINJIRE ntakundi

  • ni muvyihoze vyose ayomagabura nyama.

  • MBE KOBIRIGWA BARATERA AMAGRENADE MUGISAGAR AKICABENEGEHUGU BASHAK IBIGANIROVYIKI?DAWA YAMOTO NIMOTO NIBARINDIRE BAZ IBONERAKO

  • IYO RETA NUKURI ISHAKA KUGWANA NTAKINDI!!! NONE MPAKA MUZOKWEMERA ABO TWUMVA BARIKWITEGURA MUBANJE KUGWANA!!! OYA NUKURI UMUNTU YOZITIRA ATARONEGWA!!!

  • AHUBWO IYO RETA NTINABAHO BIBAGIY KO AMAHORO YA MAMBERE KO TWAYAKUY I ARUSHA! BARAKWIY GUHINDUKA BAKAREKA INYUNG ZABO KK NTACO ZIKIMAZ KUGERA UBU

  • ibi biganiro birimo akajagari ntangere leta nivyihoze kabisa bibanze bitegurwe neza si non ntamwimbu vyozatanga,atari ugusesagura amahera nogutakaza umwanya.

  • iyabatarivyo biganiro namwebwe ntimwarikuba mwicaritse ayo manda yanyugaho uburero vyabiganiro vyadukuye mwishamba ntavyo mugikeneye mukwaguka kwamanda murateyisoni pee

  • mbega none iyo leta ikunda abanyagihugu bize canke banyarucari igihugu nicabose ariko nacanecane abize guko nibo bamenya ingene abanyagihugu bakwiye kubaho apa abo bahabwa urwarwa bakavuga ivyo batazi mbega igihe haba ibiganiro vyi arusha harumunya gihugu muto yagiyeyo yaba umutusti canke umuhutu ntanumwe yaguye CNDD bagiye bose abasoda ntihagiye minstre wabo gusa none ko yasinye kwigisoda gicangwa nticacanzwe kandi bakabana uwagiye mwishamba yahora arumukozi wumusirikare akagaruka amutwara none ntibabana eeh nuko kwumva muvuga ntimwoja arusha jewe mbona ko mwohanuza neza guko nimwaba muzi icabashize ngaho mwikwitonda mwosanga havyishi vyokwononekara muri kazoza kanyu nayo gukunda abanyagihugu wapi kabisa umuntu wese yanka arusha acabonekako adakunda abanyagihugu guko arusha irya file isomwe gusa ikibazo kizoba giheze ntanukwumvikana ibindi kuzoba ugusabana imbabazi hama twibandanirize ubuzima guko turiko twimaramaza mumahanga twebwe nitwishoboye nditse nabatari twebwe ntibishoboye uvugako twishoboye ntuba ukunda abanyagihugu sawa bamwe barishoboye ariko sileta basi iyoshetani yatwinjiye dusengimana idufashe tubivemwo ikabira zibiri zinanirwe kwumvikana nahandi amakabira arenga amajana yumvikana bo president wuburundi siwe ikibazo kiri mumugambwe wiwe ivyoyakoze yari yagerageje ariko ntibamworoheje bon turabe imbere kuri kazoza kibibondo vyacu

Un message, un commentaire ?

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.