Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Reta y’Uburundi irindiriye ibizova mu matohoza ku binogo rusangi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta y’Uburundi irindiriye ibizova mu matohoza ku binogo rusangi

Reta y’Uburundi irindiriye ibizova mu matohoza ku binogo rusangi

jeudi 4 Ruhuhuma 2016, par egide

Umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu makungu amenyesha ko abavuga ko mu Burundi hari ibinogo rusangi vyahambwemwo abantu mu kivunga mu kwezi kwa Kigarama, borindira amatohoza azotangwa n’umurwi washizweho n’umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika y’Uburundi.

Ishirahamwe mpuzamakungu Amnesty International ryatangaje ko rifise amasanamu yafashwe n’ikigendajuru (Satellite) yerekana ibinogo rusangi bitanu vyahambwemwo abantu mu gisagara ca Bujumbura. Iryo shirahamwe ryamenyesheje kandi ko rifise n’intahe z’abantu batandukanye bagiriza igiporisi ubwicanyi bw’abantu benshi kw’igenekerezo rya 11 Kigarama 2015.

Mw’itangazo ryasohowe na Amnesty International rivuga ko abantu batandukanye bemeza ko izo mva rusangi zimbwe kw’igenekerezo rya 11 Kigarama 2015, ayo masanamu nayo akaba yerekana ahantu hagera kuri hatanu mu gace ka Buringa mu gisagara ca Bujumbura.

Umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, Alain Aimé NYAMITWE, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru yashikirije ko Reta y’Uburundi izogira ico abivuzeko umurwi washizweho n’umushikirizamanza kizigenda kuigira ukore amatohoza niwasohora icegeranyo.
Umushikiranganji Alain Aimé Nyamitwe yamenyesheje ko amasanamu nk’ayo yerekanwe ari ayo kwitondera kubera ku bwiwe kenshi aba atariyo, canke agatangwa n’abafise izindi ntumbero.

Mu gihe bivugwa ko umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Ban Ki Moon hamwe n’umurwi w’abakuru b’ibihugu vya Afrika bashobora kugendera Uburundi imbere y’impera z’uku kwezi, umushikiranganji Alain Aimé NYAMITWE yamenyesheje ko Reta y’Uburundi izo ba ironse akaryo ko kwereka abo bashitsi ko amakuru avugwa ku Burundi atariyo.


IGIHE

Messages

  • Vyoba Vyiza Biyiziye Kugira Abariko Bacafusa Uburundi Bazobeshuzwe N’amakungu

  • Kera ndibuka hari umurundi w impunzi watwigishije muri primaire mu mwaka wa za 90, yajyaga atubwira ibyago yahuye nabyo nyuma tukabona ararize kandi yari Umugabo ukuze, none icyo nabwira abarundi ni ukwirinda abantu bashaka kubasubiza mu ntambara kuko muzobyicuza hanyuma, mwese mujye hamwe mwumvikane hakiri Kare ntabandi bantu dukeneye ko bapfa cyangwa bahunga, icyaje kumbabaza ni uko numwise ngo uwo Mwarimu yaje kuhungira Congo hanyuma apfirayo, Imana izomuhezagire yari Umugabo mwiza w umuhanga cyane, hari abanyeshuri bajyaga bazana iby amoko akabahana cyane ariko anaduha impanuro, murakoze Benewacu Barundi ba Nyaburundi.

  • Muratubariza Abobantu Berekana Amasanamu Ko Babonye Abishwe Nabaporisi Gusa Abishwe Nabateye Amakambi Batababonye ,ikindi Naco Iyo Saterite Yatanguye Gukora Aho Amakambi Aterewe? Nikuki Iyo Saterite Iterekana Ingene Ibirwanisho Vyinzizwa Kandi Arivyo Bituma Abantubapha Nikuki Abo Batanga ayu Bubu Bakibagira Ko kuva Rwagasore Yishwe Ibinogo Vyaciye Bitangura Kwimbwa Kugira Bahonye Abantu Badasangiye Ubwoko Nibareke Guhengama Tuzi Kahise Kemshi Nibareke Kubitwibutsa

  • jewe abazungu barantwenza ntibaraza bahimba amaraso y’abarundi niko mukubibona bakoresheje ivyuma vyakozwe nabonyene bakabitegeka ukwo bashatse ariko twebwe turazi neza ibinogo vyishi birimwo abarundi benshi bazira ubukerebutsi nubwira.

  • jewe abazungu barantwenza ntibaraza bahimba amaraso y’abarundi niko mukubibona bakoresheje ivyuma vyakozwe nabonyene bakabitegeka ukwo bashatse ariko twebwe turazi neza ibinogo vyishi birimwo abarundi benshi bazira ubukerebutsi nubwira.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.