IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta y’Uburundi iriyamiriza ukuremegwa n’amakungu kuguma kwiyongera

Reta y’Uburundi iriyamiriza ukuremegwa n’amakungu kuguma kwiyongera

mercredi 27 Rusama 2015

Reta y’Uburundi ibicishije ku munyamabanga wayo akaba n’umuvugizi wayo Filipo Nzobonariba, imenyesha ko idashobora kugondozwa n’ibishikirizwa n’amakungu, ku bijanye no gusubira kwitoza kw’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.

Mw’itangazo yasomeye kw’iradiyo na tereviziyo nkuru vy’igihugu, Filipo Nzobonariba yamenyesheje ko Reta y’Uburundi yiyamirije ukuremerwa n’amakungu gutera kwiyongera.

Filipo Nzobonariba yamenyesheje ko zimwe mu ntumwa zidasanzwe zarungitswe n’amakungu gutorera inyishu ibibazo biri mu Burundi, baza bafise inkuru bahawe imbere yo kuza, ariko batagira akigoro ko gushika ku rubuga birabire ukuri kw’ uko ibintu bimeze.

Umuvugizi wa Reta yamenyesheje ko umukuru w’igihugu atarahindura aho ahagaze, naho ibibazo vya poritike vyatumye haba imyiyerekano, kugerageza gutembagaza ubutegetsi hamwe no gukumirwa n’amakungu.

Kubwa Filipo Nzobonariba avuga ko Reta y’Uburundi itewe amakenga n’ibiriko birakorwa n’amakungu ku bijanye n’ibiganiro bishobora kubangamira inzego z’igihugu, n’ibwirizwa nshingiro.

Reta y’Uburundi ivuga ko ibibazo bifatiye ku kwidegemvya, ibwirizwa nshingiro n’amategeko y’igihugu bidashobora kuba ishingiro ry’ibiganiro. Kuri ivyo rero Reta y’Uburundi ntishobora kuganira ku bibazo bishobora kubangamira inzego z’igihugu.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Mutama kananir’abagabo ntiyimye none mwebwe aho muravuga ko muri munzira nziza?Ibwirizwa nshingiro ryo ryonyene ntaryo muzi none ngo ntimukeneye ibiganiro,namba ataravuga aho ahagaze mutinya iki?gusa murarinda ese Kadaphie arihehe,Usama arihehe,mubona ko mufise inguvu kubasumvya? Ibizoza mumisi iri imbere muzovyakize yompi.

  • MUTAMA SE BARUNDI NUREKE KUGUMA UDADAZA KUMPANURO URIKO URAHABWA,KUKO ABARIKO BARAZIGUHA SABANSI BAWE!.

  • MURAGOWE MWEBWE BASUMIRI BWAHEMUKIYE U BURUNDI NA BARUNDI IMANA IZOBAHANA

  • Mukomereze aho nyene,kuko hari izindi ntumbero ziriko ziribonekeza,atar ikiringo ca president Nkurunziza.Barabesha

  • OYA BASHA NIMUGUME HAMWE!!!AMAKUNGU ABAHAGURUKIRE MWAGIZE NGO N’ABARUNDI MWAMAZE KWAKA IJAMBO??? HASIGAYE IGIHE GITOYA CANE UKURI KUGATSINDA IKINYOMA!!!NI KIRIMWABAGABO NESTOR KINANIRA GITERANYI MUYINGA 8eme.

  • harumusi mutazoremegwa namajambo hazokora inguvu.guma mugabitanya.nimwihende mukate imishahara Mugabe akayazwe.iyoreta ifise umugizi nkuwo ntakindi yovuga’ariko imbuto itewe niyo yama.

  • Ni batuveko abo bazungu twe ko tutagenda gusobanura amategeko yabo ni bagumye imfashanyo zab zivanze n’agasuzuguro natwe tugumane icubahiro cacu hanyuma ivyo bihemu vyabarundi vyigize ibiraro vyabo kubwa amafaranga bamenye ko nabo imiryango uabo izokorwako

  • Mutama ko mwahereye kera mukora ivyiza,ntakuntu mwoshobora gukingira abariko barapfa ataco bazira iyi mandat mukayiheba?mwoba mudukijije.

  • komera mutama mbe abo bazungu batamikwa ijamb nabo bomumashiramwe nabahe rer nestor nagira ndakubwir yuko atakindi gihugu gitanga amategeko nukindi erega naho base gutanga irya mfashanyo ntaco vyadutway nagira ndakubwire amatora azoba kuko bipfuza zantwaro zinfata kibanza .ntibizokunda

  • Ni bateshwe bate nta gihugu cabohojwe bitoroshe kizotangwa nka cadeau kuri ba mpemuke ndamuke ngo n’uko bazi kuvuza induru no kubesha amakungu. Inzira n’imwe gusa rudende rwa dege!: "AMATORA". Abibaza nabo ko Umukuru w’Igihugu yatowe n’abanyagihugu kandi acizewe n’isinzi ry’abarundi ko ashobora kwirukanwa n’ibarabara ni bateshwe bate! Igihe ca ba Yozefu Nzeyimana n’abandi bashira aba sans échec mw’ibarabara bagaturira abantu ngo babone gushikira ubutegetsi twaragisezereye. Ayo makungu nayo ico aduhigako ntaco tuzi. Ni bahuze inguvu barwanye Etat Islamique niyo igeramiye isi nayo Uburundi babureke.

  • ariko vyukuri abanyagihugu ni "ikirenge cabanyepolitike" ese muravye ukuntu ubu abahutu na batutsi baribibaniye muBurundi mumahoro atangorane none ubu abanyepolitike bafise ivyo baharanira kugirango intumbero zabo zigegweho bagaca kubanyagihugu ngo baje mumabarabara ngo ikiringo ca 3 kibe ugwitwazo? mbe ndababaze imyaka 5 isigaye namaraso yabenegihugu aseseka ikiruta ikindi ni ikihe? Mana turasavye uyo muntu ahenda abanyagihugu ngo genda mupfe kugira ngo ashike kuvyo ashaka turasavye Mana umwereke ubuzima abarundi bashaka nakare twari twibaniye neza.

  • ruzobavako igihugu nticafashwe uhejeje wamugabokubesha hatsinzwende?ntuteranye abarundi rekaturab’iyobija

  • Murihenda imbwa mugupfa irakoba

  • ibga mugufa iravyibuha mbeabo bavugako mu burundi hara mahoro naba cdd fdd ntakimba baza twese inzara iratwishe bacumugani ngo uhisha ubwari yoko nuwarama naveho mbe cdd fdd ntawundi yoshoraho

  • Bazokivako murahumba erega igihugu sicana mwice abobose muzobabazwa

  • Icogihimbirinaco mbe komutaremegwa nokugandagura abantu?

  • Mutama ivyuvuze nukuri kandi uwutavyenera mumisi itarambiranye abagahenze abobazungu bababwira ibinyoma bagomba kuzobanka urunuka kugezanaho uwuzoba arimubihugu vyabo akiyita umunye politique bazomushingako ijisho nkuwufunzwe icamaso, burya ikinyoma iyo ugikoresheje igihemirekire ntikibakikikugiriye akamaro bisabwa ugikoreshe ningonga ucureka gukomeza mugikoresha. Icotwobasaba nimukwakwanye mukore amatora muzosigare muburana nababagiriza komwakoze amatora atabashimishije bizosumba kwaka abenegihugu ijambo rijanye nokwitorera ababarongora. Rekandangize nibutsa abobarundibenewacu birirwabakiyogoza mubihuguvyabazuguko kubahenda biroroshe ariko barinze baguhinyura ubuhuye nibara nkarimwe ryokumutemere.

  • Ahubwo biteye isoni!!!!
    None abari muri Reta bose bashakako Nkurunziza yitoza? icise abategetsi biyi Reta ya Nkurunziza ntibakunda Abarundi n’Uburundi iyaba bakunda igihugu cabo Nkurunziza umuntu umwe rudende ntiyotuma uburundi buharirwa ivomo namakungu.
    - Abavugishwa n’Imana ntibasiba gutanga ubutumwa,
    - Amakungu yose avira hasi
    - Abarundi ntibatanzwe
    Harikintu cinyegeje inyuma ya 3em mandat kuko iyaba atakiriho Nkurunziza yoreka kwitoza

  • Nzobonarigwa we ubuho ubwira nde ko atazi aho u Burundi buherereye? Genda urambabaje!

  • bamunya aho mweretse none aho mwihenda ngo ntamakungu mukeneye ,nta kibiti nta rushinge mukora hama ngo turiyamirije amakungu? muri ibiju kweli

  • kutaremerwa Niko kutagira ubwenge

  • Emwe,basokuru barayamaze ngo :Kananirabagabo ntiyimye"" None gayemwe uwanka guhanurwa aba agomba iki? IMANA yo mw,ijuru idutabare kuko uburundi bwaratewe .

  • Emwe,basokuru barayamaze ngo :Kananirabagabo ntiyimye"" None gayemwe uwanka guhanurwa aba agomba iki? IMANA yo mw,ijuru idutabare kuko uburundi bwaratewe .

  • mbega sha ubwenge bobukrah ko bagumy bicana mwishamba abandi bari mwishure aho baziye aho kwiga gutwara neza babay amasiha yokwoza ubutunzi bwigihugu no kwica abakecuru soeurs de kamenge bakaba barurangiranwa muguturira amsoko noguta abantu munzuzi ngo ikiziha gisanikindi

  • IYO RETA IRARABA,NEZA YIYAMIRIJE AMAKUNGU!!!! NABO BAYIHANZE,AMASO! NIVYIVUGA.

  • IYO RETA IRARABA,NEZA YIYAMIRIJE AMAKUNGU!!!! NABO BAYIHANZE,AMASO! NIVYIVUGA.

  • NABUMVIRIJE NSANGA MWESE MUPFA UBUSA TONDANA IKARATA YITORA MUMWIRUKANE MUHEREYE LE5/6 NIBAKOKO IVYO MUVUGA MWABITUMWE NABARUNDI ATARI GUCEBERA INDA

  • Nyakubahwa Petero Nkurunziza ibuka abo mwatangiranye urugamba bahasize ubuzima barwanira agateka k igihugu uheze uhe agaciro amaraso yabo! n iba ibwirizwa shingiro rivuga manda zibiri ry ubahe warazihejeje ubu urondera iya gatatu numwana wo muntango yaguharurira, kuba utaratowe n abanyagihugu direct haricyo byagabanyije kububasha bwo kurongora igihugu kuri manda yambere?nonese icyo wari ukeneye si kwari ukuba umukuru w igihugu?ahubwo byaguhaye amahirwe yo kwironkera manda bitakuvunnye kuko harigihe abanyagihugu batari gutora! reka tureke amahugu nkayabana uhe uburundi agateka w igeze kuvuga ko warwaniraga igihe wari mu ishyamba. kuko ukomeje uyu mugambi wo kushira igihugu mu muriro waba uri mubi kurusha babandi wagwanyaga,ariko reka twizigireko uri umushingantahe ugihe kwisubira kumugambi wawe wo kurondera iciringo ca gatatu,ugasubiza igihugu iteka! Imana ibigufashemo,mpejeje nkwibutsa ko iyo wiyamamaje uba urondera ikiringo uburyo bwo gutora ntabwo aribwo buha agaciro ikiringo kuko iyo urahiriye kurongora igihugu mu myaka itanu ico kiba ari ikiringo. rwose amakungu ntabwo akwanga uzabaze n umupfasoni wawe ndetse n umwana wawe baguharurire ibiringo utwaye muzasanga ari bibiri Imana ibahezagire.

  • Naho abanyagihugu bomwirukana bicinte mumatora ndibAda yuko ceni yoca itegekwa kunguvu gutangaza ivyo Nkuruinsida ashaka nkuko babigenjeje muri ya sentare ubu icihutigwa ni kika mukibira kuko iyi myaka 5 azotwara burundi ntaburenganzira abifitiye

  • FILIPO NZOBONARIBA ASA NKUWUTAZI POLITIKE.AHUBWO NASUBIRE KWISHULE.IVYO TUBIVUZE ATA BWOBA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.