IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta y’Uburundi isaba UA kwishikira mu Burundi kuraba uko ibintu (...)

Reta y’Uburundi isaba UA kwishikira mu Burundi kuraba uko ibintu vyifashe

lundi 25 Nzero 2016

Reta y’Uburundi isaba inama y’amahoro n’umutekano mw’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika kwigana inama y’umutekano ya ONU ize mu Burundi yirabire uko ibintu vyifashe vy’ukuri mu Burundi.

Inyuma y’urugendo rwagizwe mu Burundi n’intumwa z’inama ya ONU ijejwe umutekano,kuva kuwa kane igenekerezo rya 21 Nzero gushika kurya 22 Nzero 2016, Reta y’Uburundi yarasohoye itangazo aho ishimira inama y’umutekano mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kuba yarishikiye mu Burundi.

Muri iryo tangazo ryasomwe na Filipo Nzobonariba umunyamabanga akaba n’umuvugizi wa Reta,Reta y’Uburundi imenyesha ko ingingo z’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika harimwo iyo kurungika abasirikare mva makungu,zafashwe bakoreye ku vyegeranyo atari ivyo ukuri.

Reta y’Uburundi imenyesha ko imiryango yuguruye kuri abo bose bagomba gufasha,harimwo ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika,Ishirahamwe mpuzamakungu ONU n’abandi kugira bafashe mu gutorera inyishu ikibazo kiri mu Burundi,ariko bubashe ubwigenge bw’igihugu.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.