Accueil > Amakuru > Ubutungane > Reta y’Uburundi ntiyitavye sentare i Arusha mu rubanza rwa Isidore (...)
Reta y’Uburundi ntiyitavye sentare i Arusha mu rubanza rwa Isidore Rufyikiri
vendredi 28 Ruhuhuma 2014
Umushingwamanza Isidore Rufyikiri yaritwariye Reta y’Uburundi muri sentare y’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko iri i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya. Umushingwamanza Isidore Rufykiri yitwariye Reta y’Uburundi ku ngingo aheruka gufatirwa yo gukurwa mu rwego rw’abashingwamanza bo mu Burundi, hamwe n’ingingo yo kumwaka uburenganzira bwo kurengana imbibe z’igihugu c’Uburundi. Reta ntiyitavye muri urwo rubanza vyari bitegekanijwe ko ruburanishwa ku munsi w’ejo kuwa kane igenekerezo rya 27 Ruhuhuma 2014.
- Isidore Rufyikiri yitwariye Reta y’Uburundi muri Sentare y’ibihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko, i Arusha
Sentare y’ibihugu vyo mu muryango wa Afrika y’ubuseruko yari kwakira ku munsi w’ejo kuwa kane, insiguro za Reta y’Uburundi ku rubanza rwashingishijwe n’umushingwamanza Isidore Rufyikiri, yitwariye Reta kubera ingingo aheruka gufatirwa yo gukurwa mu rwego rw’abashingwamanza bo mu Burundi, hamwe n’ingingo yo kumwaka uburenganzira bwo kurengana imbibe z’igihugu c’Uburundi. Muri urwo rubanza rwari kuburanishwa i Arusha, Reta y’Uburundi ntiyitavye, ikaba ahubwo yarungikiye iyo sentare ikete rimenyesha ko itashoboye kuronka ibirego vyatanzwe n’umushingwamanza Isidore Rufyikiri.
Reta y’Uburundi yaciye isaba iyo sentare y’ibihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko ko boyiha iminsi cumi n’ine kugira ifate umwanya wo gutegura ivyo yireguza. Urubanza rwaciye rwungururizwa ku genekerezo rya 4 Ndamukiza 2014.
Egide Nduwimana
Messages
1er Ntwarante 2014, 06:23, par sivyubu
Nabandi babona ko barenganyijwe batizera sentale yuburundi nibaze barabitwarira hanze,hama ngiraho ntibazofumbatiriza abacamanza,kuba batabonyibirego nibaza kwaricitwazo nn iyonta yabirungikanyije utabishikana?ntavyonibaza niturindire
1er Ntwarante 2014, 09:30, par Kabizi
None bamwirukanye badafise ivyemezo vyo kumwirukana?Bari guca bajana ivyo bamwagiriza.Leta yasavye iminsi cumi n’ine baca babaha ukwezi?Iyo babishira aho nyene basavye bakazoburana mu ndwi zibiri!hagowe Umuntu azoza kudedemba abesha kandi ataco yanze!Abarundi baramenyereye gutevya ibntu aho bazi ngo vyararangiye!
2 Ntwarante 2014, 00:43, par Tollo
Babuze mangene bokwisigura gusa iyo minsi cumi nine irimwo kwiga mangene yozotanga ruswa yashika bagaca bata umuri yompi rumpfikiri gusa ukuri kuratsinda hose yigiribwoba.