IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abatwara barahiye bararengwa ko atabirwanisho vyatanzwe

Abatwara barahiye bararengwa ko atabirwanisho vyatanzwe

mardi 15 Ndamukiza 2014

Inyuma y’aho ishirahamwe mpuzamakungu ONU risohoreye urwandiko rwo mw’ibanga rwagiriza Reta y’Uburundi ko ibicishije kuri bamwe mu ntwazangabo z’igihugu, iriko iratanga ibirwanisho ku rwaruka rwo mu mugambwe uri ku butegtesi (CNDD FDD) mu gutegura ihonyabwoko. Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yarahiye ararengwa ko ata birwanisho vyatanzwe.

Mu gihe bibandanya bivugwa ko mu Burundi hariko haratangwa ibirwanisho ku rwaruka rw’imbonerakure z’umugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi kugira ruhonye abo badasangiye ubwoko n’ivyiyumviro vya poritike, Reta y’Uburundi yiyamirije abariko barakwiragiza izo nkuru zica ivutu abanyagihugu.

Mu kiganiro cari cahawe abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi, abaserukira amashirahamwe mpuzamakungu hamwe n’uwaserukiye ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, kuri uwu wa kabiri wa 15 Ndamukiza, Laurent Kavakure, umushiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, mw’ijambo ryiwe, yamenyesheje ko inkuru y’ibirwanisho bivugwa ko vyoba biriko biratangwa mu Burundi, ari ibihuha bidafashe bishaka guca ivutu abarundi n’amakungu.

Prosper Bazombaza, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, mw’ijambo ryo gutanguza ibikorwa vy’iyo nama yari ijanye n’umutekano mu Burundi, yamenyesheje ko mu Burundi hari amahoro akwiye kandi ko Reta iticaye kuri ico cose coza gishaka kudurumbanya umutekano w’igihugu.

JPEG - 1.1 Mo
Prosper Bazombanza icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu

Ku rwandiko rwasohowe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu ntango z’ukwezi kwa Ndamukiza ruvuga ko Reta y’Uburundi iriko iratanga ibirwanisho bigizwe n’inkoho n’imipanga ku rwaruka w’imbonerakure za CNDD FDD mu gutegura ihonyabwoko, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, Prosper Bazombaza yamenyesheje ko iyo nkuru ari ikinyoma cambaye ubusa kuko ata vyemezo na bimwe bihari canke birerekanwa vyemeza ko ivyo birwanisho biriko birangwa mu gihugu.

Kubwiwe, abasohoye urwo rwandiko, ni abashaka gucanishamwo abarundi mu gushiraho irwanko n’indyane bifatiye ku muko no mu kudasangira ivyiyumviro.
Kubijanye naho n’amatora yo mu mwaka w’2015, Prosper Bazombanza yamenyesheje ko Reta y’Uburundi yamaze kwitegura mu mahoro ntangere. Ku bazokwihenda bakahungabanya umutekano, Reta y’Uburundi ikaba yagabishije ivuga ko itazokwihanganira uwo wese azofatwa.

Mwomenya ko intara zo mu buraruko no mu bumanuko bw’igihugu c’Uburundi arizo zivurwa ko arizo ziriko ziratangwamwo ibirwanisho ku rwaruka rwo mu mbonerakure z’umugambwe CNDD FDD


Mariella Bukuru

Messages

  • none ababikwiragiza bose ko batavu abazokoregwa iryo honya bwoko.imbonerakure zigizwe n,aba HUTU naba TUTSI.Abagumwabanga ukonye,abakenyerarugamba ukonye.none iryohonyabwoko rizogirigwa abahutu nabatutsi?mbe ko mbona imigambwe itavuga rumwe nareta hanini igizwe nabahutu iryohonya bwoko nabahutu bategura kurigirira abahutu?nukuri turagomba ko karya kagabo anyanga kajahabo kabisigure kuko kemeza ko kabizi.canke kaje kwiradiyo gasabe imbabazi uburundi nabarundi.

  • Leta turagusavye nk,umuvyeyi witwarire mu maguru masha ONU hama bavyerekane batavyerekanye intahe ifate ijambo kuko iyo sinkuru yogufata minenerwe ngo nibihuha.biba ibihuha canke bitabavyo reta niyiture ubutungane

  • IGIHUGU GITWAWE NEZA CANE. ABO BABIVUGA CANKE BAKAVYEMEZA AHUBWO NI BABABAZE KUKO BIBONEKA KO ARIBO BARIKO BARATEGURA IRYO HONYABWOKO. ARIKO BARIHENDA ABANYAGIHUGU NTITUZOBAKUNDIRA.

  • JEWE NDASABA AMAJWI YA BA PORONA BEGAMIYE LETA NIKURI MUYATUBIKIRE KOKO KUGIRA UMUNSI UMWE TUZOSUBIRA TUYUMVE MUZOBA MUKOZE.

  • Sisi iciyumviro gishikirijwe murufasoni kigira akamaro.kwifatira umuntu ngo "Akagabo"Sindero y,ikirundi.ihonya bwoko sukuvuga kwica abahutu,abatutsi.abatwa...gusa ariko iyo hari umurwi w,abantu bicwa kubera ibi canke biriya naryo niryo

  • Nyakwubahwa cegera cambere binashobotse mukabona uwota ivyobinyoma ngonamatohoza adasavye imbabazi abarundinamakungu, mugerageze mumubwire atore utwiye agende, jewe uwoya munyacubahiro aserukira umunyamabanga mukuru wa ONU mu Burundi yarumuntu nemera, arikondatangajwe nigene yemeye agahendwa ninjavyiziraho. Kubonabemanga bagasiga iceyi reta yuburundi ngo yataze ibirwanisho harimwo nibipanga ngo vyokwica abatutsi ngonabo batavugarumwe! jewnkomeza kubabwirako ubwicanyi mwenubwo yombabuzoba mukindigihugu ngaha muburundi ntabuzobaho, gusa abagashatsekubutanguza ibintubisa nivyogukora ubwicanyi arikokubera dufise umushikiranganji witwaro yohagati mugihugu ahabone ntivyaboroheye, arinaho havuye kuzabarabona Eduard Nduwimana nkumwasi wabo.

  • Mbega bavuzeko Ibirwanisho bitangwa bihabwa Imbonerakure za DD haca hishura Umuporona?Ico kigwarudubi coco baragihenze bazocica mu bindi!

  • Basiba kurima ntibasiba kuvuga abarota intambara izohera iwabo irangirire iwabo birababaje kubona abashinganthe n’abapfasoni baremeka ibara igihugu bakibagira ko nahonyene ariho baziye uburaro nuburamuko

  • Lisez: Instabilité de la région des Grands Lacs africains. Causes et solutions, pour comprendre pourquoi le Burundi est en tourbillon d’aujourd’hui. http://www.musabyimana.net/lire/article/les-causes-dinstabilite-de-la-region-des-grands-lacs-africains/index.html

  • UYO MUNTU ANYANGA YARI UMUNYACUBAHIRO ARIKO RERO VYARAMUGOYE AHITAMWO KWIBERA UMUNYAKIBIRI.NIBA ATA NGORANE BIMUTERA ARAHITAMWO IYO UNIFORME HANYUMA IYA ONU AYISUBIZE KUKO YAYAMBITSE ICEYI KUBONA ISERUKIRWA N’UMUNYAKINYOMA.DUSAVYE RETA DUSHIMITSE KO IMUKUREHO HAMA ONU IZANE UMUNTU ADAHENGAMIRA KU BAHIMA AHUBWO ATUMBEREZA IJAMBO.

  • je sinuva abantu ko baciye baja hejuru ngo nikinyoma ca adc na parfait onyanga nibareke amatohoza abeho hama ukuri kuje ahabona kdi mureke kwandika ibintu mutazi ikibazo ca genocide ni ikintu gikomeye bishobora nokubakorako de meme uyo vice na concilia bavuga ico bagomba ntibazi ko vyobahindukirako reka kuba muhedwa buraca bugacana ayandi

  • Nkurunziza Ntashaka Kworohereza Abarundi N’abarundi?N’abandi Barashaka Kurya.

  • Nukuri.Retayacu.Iteyamakenga.Kukobankakubwizukuri.Amakungu.Buretsebazibonerako.Ikibazo,ninzirakarenganezizazibizira.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.