Accueil > Kwidagadura > Igiteramo > Reta yasohoye ingingo zigenga ibiteramo n’ubunywero mu minsi (...)
Reta yasohoye ingingo zigenga ibiteramo n’ubunywero mu minsi mikuru
mercredi 24 Kigarama 2014
Reta y’Uburundi yafashe ingingo z’umutekano zigenga ibiteramo n’ubunywero mu minsi mikuru irangiza umwaka. Abategura ibiteramo haba mu mihana iwabo, mu bunywero, mu butambiro canke aho hose hazoba hateramiye abantu, basabwa kubimenyesha abajejwe intwaro n’umutekano.
Mu ngingo z’umutekano zafashwe na Reta y’Uburundi, abatunganya ibibanza vyo guteramiramwo (boites de Nuit), bamenyeshejwe ko bategerezwa kwisunga amategeko abigenga, cane cane kwiyemeza ko urwamo rw’indirimbo n’intambo rutumvikana hanze kandi rutabuza ababanyi kuruhuka canke kwikorera ibindi bikorwa.
Abatunganya indirimbo n’intambo hanze mu mpangu, bimwe bita (karaoké), ntibarekuriwe kurenza isaha zine zo mw’ijoro (22h). Reta y’Uburundi ivuga ko iyi ngingo itegerezwa gukurikizwa no mu bibanza batambira mu nzu, ariko urwamo rukumvikana hanze, co kimwe n’abatambira mu miryango iwabo. Naho hazoba hari abajejwe umutekano bariko bacuga imiduga n’amapikipiki, benevyo basabwa gufata ingingo zose zikenewe kugira abasuma ntibace muryahumye.
Muri iryo tangazo, Reta y’Uburundi irahumuriza ko amatara atazocika mu bisagara vyose hamwe no mu ma "quartiers" yo mu gisagara ca Bujumbura, eka n’amazi ntazobura. Bishitse amatara agacika, REGIDESO yatanze inomero zikurikira mwohamagarako. Izo nomero ni 78150017 - 78150150 - 78150015 - 78150062 - 78150062 - 78150055 - 78150316 hamwe na 78150317. Habaye ingorane z’umutekano, abanyagihugu basabwa guhamagara kuri 113 na 118. Izo nomero nyene akaba arizo bohamagarako mu gihe hadutse umuriro, ubusuma, ubwicanyi canke impanuka zo mw’ibarabara.
Cherif Nkeshimana
Messages
24 Kigarama 2014, 18:12, par So
Murakoze banyakwubahwa.
24 Kigarama 2014, 18:29, par Nwari
22h !!!!!iyo fuku
25 Kigarama 2014, 04:04, par Question
NTASONI GA NWARI KWITA UMUNTU IMANA YIREMEYE MWISHUSHO RYAYO NGONIFUKU!? IMANA UMUSUMWE URIZINA IZOKUBWIRANGO URAZIKO WIGEZE KUNYITA KOND’ IFUKU? UZISHURANGO:?
25 Kigarama 2014, 13:54, par joshuah
uyo nwari niki?ko nguma mbona kumakuru yose atukana.aravuga neza ntitumukorereko"urabona "uribuka nwari ko uremye mw’ivu ntana kaburimbi inarimwo.
25 Kigarama 2014, 15:06, par nwari
@question nikuri noel
25 Kigarama 2014, 20:54, par Question
Nwari, ICOKINTU UVUZE CITWA NOEL NTUZI ICOGISIGURA KUKO IYABA UZI ICOGISIGURA KURUYUMUSI WA NOEL WARUMWANYAMWIZA WOKWINEGURA UKIYEZA UBANJEGUSUBIRINYUMA GATO UKIYIBUTSA VYABITUTSI WANTUKA ABOKORERA KWIKIKINYAMAKURU IGIHE BAGAHEBA BAKABIKURA KURUHOME RWIKINYAMAKURU CABO, URURWAMO NGUMATERA NDAGUHANURA RUKOMEYE GUSUMBA KUGUKUBITA INKONI JEWE KUKO NDAGUKUNDA ARIKO NKANKA IBITUTSIGUSA,NAJEWE NINAGUTUKA UZOMPANURE, ARIKOKUNYIYAMIRIZANGO NINDEYAMPAYE GUHANURA ABATUKANA NGOBABIREKE JEWE NDAMUFISE UWABIMPAYE KANDI AMPEMBA AKAYABU KUBUTUNZI BWUMUGISHA NICOGITUMA NKOMEZAKUVUGA NTABWOBA, NAHARYAWACUZEKO WOBWIRA BENE IKIKINYAMAKURU BAKANKURA MUBANDIKA NARAGUSETSE ARIKOKANDI NTAWOBIKUGAYIRA KUKONTUZI ICOPFANA NABASHINZE IKIKINYAMAKURU IGIHE.
26 Kigarama 2014, 18:33, par Nwari
@quetion,joshuah,so,nuwera = ramassi des cons musubiye kuza muradebadeba ivyumbwenge buke bwaba DD :juste adepte de la riposte graduée
27 Kigarama 2014, 00:08, par Quetion
Nwari, MBEKUBUHOHO UTAVUZEKO ABOSE BAKUBABAJE KUBERA UBONYE BAKUNEGUYE KUBWIBITUTSI VYAWE VYAKURENZE KWARI Quetion YIHINDAGUYE?