Accueil > Amakuru > Poritike > Reta y’Uburundi yemeye ibiganiro kw’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro
Reta y’Uburundi yemeye ibiganiro kw’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro
mercredi 27 Munyonyo 2013
Reta y’Uburundi yemeye ko igiye gutegura ibiganiro bihuza abanyeporitike bose ku bijanye n’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro ry’Uburundi. Abatavuga rumwe n’ubutegetsi babona ko ari imvugo umugambwe uri ku butegetsi wama ukoresha kugira uhume amaso amakungu mu kwemera ivyo utazoshitsa.
Inama yateguwe n’ubuserukizi bw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi (BNUB), bubifashijwemwo na Reta y’uburundi yatanguye mu gatondo ko kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 27 Munyonyo 2013. Iyo nama izomara iminsi itatu yahuje abanyeporitike bo mu migambwe yose yemewe n’amategeko mu Burundi, abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi, abahurikiye mu mashirahamwe adaharanira inyungu za poritike n’abategetsi batandukanye bo mu bisata vy’akazi ka Reta. Abatumiwe bariko barabirahamwe ibijanye n’ishirwa mu ngiro ry’ingingo mirongo ine na zibiri abanyeporitike biyemeje nk’urupapuro ngenderwako mu matora yo mu mwaka w’2015.
- Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, Bernard Busokoza
Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, Bernard Busokoza, mw’ijambo ryo gutanguza ibikorwa vy’iyo nama yibukije ko mu yindi nama nk’iyo yaheruka kuba, abanyeporitike biyemeje kuzokwama bahura umwanya uwariwo wose bikenewe kugira baganire ku bibazo bihari, bashobore gukinga ikintu cose coza gihungabanya amahoro, umutekano n’intwaro rusangi. Imibonano hagati y’abanyeporitike iraheza igafasha gutegura amatora Uburundi bwimirije, ari nayo azotuma ubutegetsi buhabwa abazoba bitorewe n’abanyagihugu. Kubw’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, Bernard Busokoza, iyo nama itunganijwe mu mwanya mwiza mu gihe mu gihugu c’Uburundi hamaze iminsi hibonekeza ukutihanganirana muvya poritike, aho abadasangiye ivyiyumviro batyozanya. Bernard Busokoza yasavye abanyeporitike gushira imbere imutima w’ugukunda igihugu, bavavanure n’ukwiyamamaza umwanya utangwa n’amategeko utashikirwa.
Ku kibazo c’umugambi w’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro Reta y’Uburundi yatunganije, abatavuga rumwe nayo bakawiyamiriza kuko batagishijwe inama, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, Bernard Busokoza yamenyesheje ko Reta y’Uburundi igiye gutunganya ibiganiro bizohuza abanyeporitike, n’abandi bose ico kibazo kiraba, kugira batange ivyiyumviro vyabo muri uwo mugambi uraba abarundi bose. Mu migambwe itavuga rumwe na Reta bamenyesha ko ivyashikirizwe na Bernard Busokoza atari bishasha mu mvugo y’ubutegetsi yo kwemera ivyo budashobora gushitsa. Barindiriye kurabira mu bikorwa ivyo Reta yiyemeje.
Alexis Sinduhije, umukuru w’umugambwe MSD (Mouvement pour la Solidarité et le Développement) amenyesha mu mugambwe wiwe batazokwitaba ivyo biganiro mu gihe Reta itokwemera ko bicara hamwe bakavugana ivyohinyanyurwa. Alexis Sinduhije asaba ubutegetsi bwa CNDD FDD ko bworeka inkinamico. Uwo mukuru wa MSD ntatahura ingene bazoja guharira ku mpinyanyuro zatowe na Reta yonyene. Namba vy’ukuri ubutegetsi bufise ugushaka kwo kugisha inama abahurikiye mu yindi migambwe itari ku butegetsi, Alexis Sinduhije ahamagarira abatwara kuvana mu nama nshingamateka impinyanyuro zatanzwe n’inama nshikiranganji, kugira bahera mu ntango bavugane ivyohinduka vyose. Nibitagenda uko babisavye, Alexis Sinduhije, umukuru w’umugambwe MSD amenyesha ko atagisivya inyuma y’indwi zibiri urunani ADC Ikibiri yatanze, bazohamagarira abanyagihugu kwihereza amabarabara nk’uko babigabishije.
- Alexis Sinduhije, umukuru w’umugambwe MSD
Mu mugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi ntibabona kumwe ibisabwa n’abahurikiye mu migambwe itavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi. Pascal Nyabenda, umukuru w’umugambwe CNDD FDD amenyesha ko ubutegetsi butigeze bwanka kuganira ku bijanye n’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro, ariko ko bari babicishije ku bashingamateka, ari nabo baserukira abanyagihugu. N’aho biri uko, Pascal Nyabenda yibutsa abatavuga rumwe na Reta kwama bibuka uburenganzira umukuru w’igihugu ahabwa n’amategeko bwo gushikiriza ingingo abona zishobora guhinyanyurwa mu bwirizwa shingiro.
- Pascal Nyabenda, umukuru w’umugambwe CNDD - FDD
Uwuserukira umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi, Parfait Onanga Anyanga yasavye abanyeporotike bari bitavye ivyo bikorwa vyo kurabira hamwe ishirwa mu ngiro ry’urupapuro rw’inzira ko boganira babwizanya ukuri, bashire imbere ukwihanganirana, bibuke ko abanyagihugu babahanze amaso, kandi ko intwaro rusangi y’igihugu c’Uburundi izova mu biyago bazokwama bagiranira.
- Parfait Onanga Anyanga, aserukira umunyamabanga w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi
Egide Nduwimana
Messages
27 Munyonyo 2013, 19:20, par Mama
Namanabivuze ko Alexis Sinduhije kwatagahengwe ashaka kwabarundi bagira! Yarahunze alavugamajambo yotuma abarundi bahunga igihugu mazabarundi bashingiryinyokurindi ntibahunga nubwoivyarigutumabahunga bitaribibuze, None Alexis yaragarutse none biboneka kwatage kwitegurira amatora yomuri 2015 nkukobamwetuvyibaza ahubwo afise uyundimugambi wokwinyegeza inyuma yivyitwa democratie vyitwako umuntu yemerewe kuvuga akarikumutima arikondamyumvirije nsanga amajamboyiwe arayatuma numurwizatunga yashaka kuzagukorera I Burundi acaba aratenyenye kukontakuntu wozana umutahe kanduziko abuzokoresha beshi arabarundi akacawumva abitwako babonakure atakweziguhera batarikobarahamagarira abenigihugu kujamwibarabara ngoheze ujegukorera ahohantu, Kuko abowokoresha harahowosanga ubahemba amahera yubusa kuko Alexis nabobarikumwe bogumabatwara abakozibawe mwibarabara kuko abobozana iyomitahe nabantububahirina uburenganzira bwumuntu vyukuri murumvarero bobahitamwo kurekakuzana imitahe hako bozakurwamurudubi rwoguhava babuza abakozibabo kujamwiyo myigaragamvyo yaburikwezi. Alexis yariyemeje kutazoha agahengwe abenegihugu abavyeyi barahomba.
27 Munyonyo 2013, 20:13, par beninka
Murakoze
ko none mbona urya mutama asa n’urwaye malaria, ubwo koko azohava ahamagarira abantu mu mabarabara nawe ata nguvu akigira?
27 Munyonyo 2013, 20:13, par beninka
Murakoze
ko none mbona urya mutama asa n’urwaye malaria, ubwo koko azohava ahamagarira abantu mu mabarabara nawe ata nguvu akigira?
28 Munyonyo 2013, 03:52, par Kabizi
Turiteguye kumugira nka Ben Ali hamwe atokwikubita agashi.Le printemps arabe igomba itangure canke le printemps burundais!Mbega bahenda ba nde abo ba DD!Inguvu bafise tugomba tuzipime kabisa!