Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta y’Uburundi yiyamirije ubwicanyi buriko buraba
Reta y’Uburundi yiyamirije ubwicanyi buriko buraba
vendredi 8 Rusama 2015
Reta y’Uburundi yasohoye itangazo aho itera ivyatsi ubwicanyi bumaze iminsi bwibonekeza mu myiyerekano, na cane cane ubwakorewe muri komine ya Nyakabiga.
Firipo Nzobonariba umunyamabanga mukuru wa Reta akaba n’umuvugizi wayo, asaba amakungu ko yohagurukira ubwo bwicanyi butagira izina buriko buraba mu gihugu kiriko kiva mu ntambara. Nzobonariba asaba kandi inzego z’igiporisi n’umutekano, ko bogira amatohoza, abagirizwa ubwo bwicanyi bose bagahanwa. Nayo abanyagihu, umuvugizi wa Reta abasaba ko boguma bafatanye mu nda.
Twobamenyesha ko bamwe mu biyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza bavuga ko bashimye rwose ingendo za gizwe n’abashikiranganji ba Reta, inyuma y’umuntu yaturiwe muri komine ya Nyakabiga. Leonidas Hatungimana umugumyabanga wa CNDD FDD aterekwa ikiringo ca gatatu ca Nkurunziza, akavuga ko izo ngendo zo kwiyamiriza abo bica abanyagihugu n’ayandi majambo yo guhumuriza, abagize Reta bari bakwiye n’ukuyagira ku bandi bagiye bicwa bunyamaswa barashwe n’abaporisi mu myiyerekano y’amahoro, yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Nkurunziza Petero.
Leonidas Hatungimana yahoze avugira Petero Nkurunziza, agatangazwa n’ingene hari abasore babiri bari bishwe mu gatondo muri komine ya Kinama, umwe arashwe n’umuporisi, uwundi atewe grenade n’umuntu yaciye yitera mu baporisi, ariko bikaba nk’akamizwe n’ingoma, ntihagire umushikiranganji canke uwundi wo muri Reta ahashika guhumuriza.
IGIHE
Messages
8 Rusama 2015, 17:29, par Robin
Iyo hapfuye imbonerakure, Filipo acagira ubwoba??
Iyo police yishe babiri canke barenga ko filipo atadederera???
8 Rusama 2015, 18:43, par Nuwera
Erega Imbonerakure hariho abamazigihekinini bitegurira kuzikorera itsembatsemba ngobazihanagure mu Burundi, tubonyerero uwuyikozeko twezako batanguye itsembatsemba bateguye yokuzimara muburundi. Mbentimumazimisimwumva abarundi bazagiriza ngozikorana nabahozebitwa Interahamwe keramu Rwanda maze urwanda narwo rubicishije kumushikiranganji warwo namakungu agatagaza yerekara koyemeranya nabakoramarementanya muburundi bavuga ivy’Interahamwe ngokoziri muburundi! Akiyibagizako nintunvane Mushayindi Ko u Rwanda rwavuze korunukeneye uburundi bukababwamurunditse nabandi ntavuze, ariko mukabamwumvise ukuntu Mushikiwabo wu Rwanda imvugoyiwe ifisemwo kuda truest nga uburundi. Bisiguriki? Bisigurako uwoshaka kugiriranabi uburundi rwomushigikira canke rwarabitanguye rekaturindire amezi arimbere make.
8 Rusama 2015, 22:25, par mutabazi
I burundi abahutu barashize batwikwa n’intagondwa z’abatutsi . Gusa ntawundi uzongera gupfa. Kuko izimburagasani Paul Kagame ari gushuka ziribishya ntizizasubiza abarundi muri 1973.
9 Rusama 2015, 07:06, par kirokira
reta none nihagarike ubwo bwicanyi. irinda isaba amakungu siyo iriko yica abo irongoye. aba dd bose batoye peter ko yitoza irigira gatatu, aho muri hose mumenye ko ubwicanyi buriko buraba mubufiseko uruhara.
9 Rusama 2015, 07:50, par kabayiza
wowe mutabazi, ndangirango nkumenyeshe ko ikibazo kiri muburundi, atari icyamoko. abarundi ikibaraje ishinga nubutegetsi bwubahiriza buriwese kandi buteza imbere igihugu cyabo. naho wowe uzana ibyamoko umenyeko kumpande zose harimwo amoko yose, kuko no muri CNDD FDD yarimwo abaministre babatutsi. so mbabajwe nokukubwirako imitekerereze nkiyo yawe yo gucanishamwo abantu, twayihambye keraa! ubu uri kuvugira mukuzimu rwose.
9 Rusama 2015, 10:34, par kinyamaguru juvenal
IZI NDYANE ZOSE TURAZI ABABISEMO UKUBOKO. TURAZI KO ABARUNDI BARIKO BAZIRA UBUTARE BURI I KONGO BUSHAKWA NIBIHIGU RUTURA. MALHEUR AU PYS DU TIERS MONDE
9 Rusama 2015, 11:04, par bucumi severin
turemera kubandanya imyiyerekano ariko abatanguye guturira abantu nama pneu bagire batwononere. meumenye ko beshi ubu twubatse muma quartier peripherique muje mwiyumvira ivyodushikira hamwe mwobandanya ivyo kwicisha ipine abahutu, .bishoboye kudukwegera akarambaraye
10 Rusama 2015, 09:33, par hdjii
ariko ntaso ni ariko wo filipo nu ubusanzwe si wowe baguhe wirire ubu rero udugije amazuru uravuze BARYA BANDI RERO BARASHWE BARI IMPENE KO UTAVUZE UBU URAVUZE HUMURA.....TANGURA WOZE AMASO WITEGE KURABA