IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta y’Uburundi yuguruje ikonte yo gufasha abasinzikajwe n’ikiza (...)

Reta y’Uburundi yuguruje ikonte yo gufasha abasinzikajwe n’ikiza c’imvura

vendredi 14 Ruhuhuma 2014

Inyuma y’aho hashikirijwe ingingo zigiye gukurikizwa kugira igikorwa co gufasha abasinzikajwe n’ikiza c’imvura mu gisagara ca Bujumbura kigende neza, umurwi w’abashikiranganji watowe gukurikirana ico kibazo wongeyeko n’izindi ngingo.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uno munsi wa gatanu wa 11 Ruhuhuma 2014, umuvugizi w’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, Melchior Simbaruhije yamenyesheje ko huguruwe muri banki nkuru y’igihugu ikonte ifise nimero 1110/212 yo gufasha abasinzikajwe n’ikiza c’imvura co ku w’icenda Ruhuhuma 2014. Iyo konte ikaba igiye kwuguruzwa no mu yandi mabanki y’abikorera ivyabo.

JPEG - 40.8 ko
Melchior Simbaruhije, umuvugizi w’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu,

Umurwi w’abashikiranganji wasavye ishirahamwe REGIDESO kugira ivyo ishoboye vyose kugira ahantu hose hakoraniye ivy’imfatakibanza abasinzikajwe n’ikiza c’imvura haboneke amazi n’umuyagankuba.
Mu ntumbero yo gusukura uburere bwose bwasinzikajwe n’ico kiza c’imvura, hategekenijwe ejo ku munsi wa gatandatu wa 15 Ruhuhuma ibikorwa rusangi mu gisagara ca Bujumbura mu bibanza bikurikira : muri komine Kinama, ni kw’ishure ritoya rya Gasenyi ya 3 hamwe na karitiye ya Carama, kw’ibarabara ry’umunani. Muri komine Kamenge, ni kw’isoko yo mu Kamenge, komine Gihosha, kuri Gare du Nord hamwe no muri komine Kanyosha, ku ruzi Mugoyi hafi y’ishure ritoya bita kwa Buyoya.

Twobamenyesha ko huguruwe igitabo candikwamwo ivyiyumviro vyo guherekeza abitavye Imana kubera ico kiza. Kikaba kiri mu bushikiranganji bw’uburundi bujejwe imigenderanire n’ugufashanya n’ayandi makungu.


Mariella Bukuru

Messages

  • amwe y’isoko ari hehe?
    Abarundi murakunda agapfa!
    Ahubwo bwira iyindi mvura igwe aho mudafise abanywanyi mwuguruze ayandi ma comptes mwiyoragurire amafaranga!

  • Nimba iyo compte yareta itariyo kwegeraniriza udufashanyo twabagowe.mumifuko yaba ruburakigongwe numva ari vyiza;kuko ingendo yareta yo kunyonora amatungo yabanyarcari atacamira yabaye ingeso aho motif ngo ntawuzobakoma kuko igisoda nigipolisi vya Adolphe bizobakingira kugeza Yesu agarutse!!Ariko ga yemwe ntakibura iherezo wokora ivyiza ukiriho!!

  • Mbanje guhoza abarundi bene wacu bahuye namagorwa atagira uko angana niyi mvura.nukuri ntivyoroshe guterera utazi ko iyo ntererano izoshikira abagowe umutima nukuri wo gufasha uriho ariko amakenga yintwaro nikibazo gikomeye.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.