Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Reta ya Sudani y’Epfo yipfuza kwegeza amatora inyuma
Reta ya Sudani y’Epfo yipfuza kwegeza amatora inyuma
dimanche 15 Ruhuhuma 2015
Umuvugizi wa Reta ya Sudani y’Epfo avuga ko amatora yari ategekanijwe mu kwezi kwa Ruheshi bagiye gusaba akigizwa inyuma.
Uwo muvugizi wa Reta Michael Makuei akaba yashikirije ko bagiye kubisaba inama nshingamateka y’ico gihugu ko yokwongera ikiringo umukuru w’ico gihugu Salva Kiir mu kurindira ko amatora yo mu kwezi kwa Ruheshi atoba, kugira Reta ihari ibanze iheraheze ibiganiro irimwo n’abasanzwe bariko barayirwanya.
Tukabibutsa ko igihugu ca Sudani y’Epfo kimaze amezi atari make mu ndyane z’intambara, aho abanyagihugu batari bake bamaze guta barahunga, kubera intambara zidasanzwe. Imikono itari mike iramaze guterwako mu kuraba ko intambara yohagarikwa, amahoro agasasagara, ariko inyuma y’amasaha make, iyo ntambara igaca isubira gusutama.
Aristide Nizigire