IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Reta yafuse burundu sendika y’abadandaza SYGECO

Reta yafuse burundu sendika y’abadandaza SYGECO

jeudi 7 Ruhuhuma 2013

Iyo ngingo yafashwe n’ubushikiranganji bw’abakozi ba Reta, bwagiriza SYGECO ko yadohotse kuvyo yiyemeje gukora aho yemeregwa n’amategeko. Abadandaza bariyamiriza iyo ngingo, bakavuga ko n’igikorwa co kwiyandikisha kubadandaza bahora badandariza mw’isoko nkuru ya Bujumbura bica bihagarara. Ayandi masendika yose yo mu Burundi yaciye ahagarika ibikorwa yarimwo i Gitega.

Ingingo yo guhagarika burundu sendika y’abadandaza SYGECO yamenyekanye kuri uyu wa kane, yafashwe n’umushikiranganji w’abakozi n’akazi Annociata Sendazirasa. Mu rwandiko rwashizwe ahabona n’ubwo bushikiranganji ruvuga ko sendika SYGECO yadohotse kuvyo yiyemeje gukora. Ngo sendika yategerezwa guharanira inyungu z’abakozi bafise umukoresha ariko ngo abadandaza bobo ntamukoresha bafise kuko bikorera utwabo.

Ni mugihe sendika y’abadandaza SYGECO yari imaze iminsi ikoranya abadandaza bose baburiye ivyabo vyahiriye mw’isoko nkuru ya Bujumbura. N’iyo yabaserukira mu bikorwa vyose vyabahuza na Reta.

Abadandaza nka bose bahora badandariza mw’isoko nkuru ya Bujumbura bavuga ko Reta ishaka kubanigira mu menshi muvyo bosaba kuko ngo ataho bagifise bashikiririza ivyiyumviro. Bemeza ko vyerekana ko Reta iriko irabakora mu nkovu aho kubashigikira. N’igikorwa co kwiyandikisha ku ntonde nshasha kugira bimukire ahandi vyaciye bihagarara. Bavuga ko sendika yabo SYGECO ariyo yariko iratunganya, ngo bazosubira ari uko iyo ngingo ifuswe.

Audace Bizabishaka arongoye sendika SYGECO yavuze ko yaguye mugahundwe yumvise iyo ngingo. Amenyesha ko iyo ngingo yo gufuta burundu sendika SYGECO iciye kubiri n’amategeko. Ngo umushikiranganji w’abakozi ba Reta Atari bwigere yegera iyo sendika kugira yerekane ko idakora hakurikije amategeko.

Audace Bizabishaka amenyesha kandi ko ivyo bifise iyindi ntumbero itaramenyekana. Ngo kumbure harimwo nokuburabuza igikorwa co kwiyandikisha cariko gikorwa n’abadandaza bahora mw’isoko nkuru ya Bujumbura kuko iyo sendika ngo niyo yariko irarongora ico gikorwa. Asaba ko iyo ngingo yofutwa vuba kuko ngo ije kusubiza ibintu inyuma.

Urunani rw’amashirahamwe yigenga adaharanira ivyicaro vya politike FORSC ruriyamiriza iyo ngingo. Pacifique Nininahazwe arongoye FORSC avuga ko iyo ngingo ije kunyura ibintu kuko abadandaza bo mw’isoko bari basanzwe bari mumubabaro ntangere kubera utwabo twahiye tugatokombera. Asaba ko Reta yokwisubirako.

Umushikiranganji w’abakozi ba Reta Annociata Sendazirasa yari yateguye inama n’amasendika ari mu Burundi ariko ayo masendika yaciye yanka kwitaba iyo nama yari kubera i Gitega kuri uyu wa kane. Bari kuvugana ivyerekeye kunganisha imishahara.

Ayo masendika yandi harimwo inani z’amasendika yose nka COSYBU, CSB n’izindi yaciye asohora urwandiko rwo kwiyamiriza ingingo ihagarika burundu sendika y’abadandaza SYGECO. Vyari bitegekanijwe ko iyo nama imara iminsi 3. Kubera iyo ngingo yamenyekanye abitavye iyo nama bamaze gushika i Gitega, baciye bemera gutangura inama gusa baca barataha, babwiye umushikiranganji Annociata Sendazirasa ko iyo ngingo idafuswe batazokwitaba ibikorwa vy’iyo nama kuri uyu wa gatanu.

Mu rwandiko bashizeko umukono bamenysheje gufuta sendika SYGECO biciye kubiri n’amategeko kandi ngo ni iterabwoba ku masendika yandi yose. Ngo ntibashobora kuvyemera na gato. Basaba ko iyo ngingo itoja mu ngiro.

kw’ifoto: Audace Bizabishaka, arongoye sendika SYGECO


Pierre Claver Niyonkuru

Messages

  • ntagitangaje kirimwo barundi,bandandaza,namwe mukunda uburundi kuriyo ngingo leta yonyene ubwayo yafashe!!!je binyemeza neza ko bimwe bavuga ko leta ifise uruhare mwiturirwa ryirya soko arivyo!nne ubwo uwo mugore sendazirasa ukagira iyo ngingo yayifashe wenyene??ew barundi harageze ko mukanura mukamenya abariko barabarya bunyamaswa!yanka ko namwe mugira ico mumenya cnke iyo mfashanyo iriko iratangwa bashaka kuyirya nkuko barya nayandi!aha je umuuntu arabona nubu sindamutegera nagato hasigaye ah,Imana ko ihana nko mugihe ca kera nkabantu nkabo baribakwiye kubona ivyago vyakarorero hamwe n,isi yoose ibimenya ko Imana yabahanye bitewe nuko bariko bararya abanyagihugu batobato!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.