IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta yaronkejwe ingabire y’amafaranga agera ku miriyaridi 6,5 (...)

Reta yaronkejwe ingabire y’amafaranga agera ku miriyaridi 6,5 z’amarundi

mardi 6 Rusama 2014

Ingabire y’amafaranga agera ku miriyaridi zitandatu n’igice z’amafaranga y’amarundi, niyo yatanzwe na Reta y’Ubufaransa ku gihugu c’Uburundi mu ntumbero yo gufasha abanyagihugu bitorohera kuronka ingurane muma banki.

Umukono ku masezerano y’iyo ngabire y’amafaranga angana imiriyoni zitatu z’amafaranga y’abanyaburaya yahawe Uburundi, ukaba washizweko kuri uwu wa kabiri wa 6 Rusama 2014 hagati y’ubushikiranganji w’ikigega ca Reta y’Uburundi hamwe n’uwuserukira igihugu c’Ubufaransa mu Burundi.
Nk’uko vyashikirijwe na Tabu Adhallah Maniranikira, umushikiranganji w’ikigega ca Reta, iyo ngabire igera ku miriyaridi zitandatu n’igice z’amafaranga y’amarundi, izofasha guteza imbere igisata c’ingurane ntonto no kuziganya, gushigikira imigambi mito mito yongere ifashe n’abanyagihugu kuronswa ubuzi bwo kwiyungunganya.
Umushikiranganji w’ikigega ca Reta akaba yamenyesheje kandi ko uwo mugambi uje kubandanya ikivi Reta yari yaratanguye kuva mu mwaka w’2006 gushika 2013 wo guha ingurane abanyagihugu badashobora gushika mu mabanki.

Ku ruhande rwa Reta y’Ubufaransa, Gerrit Van Rossum aserukira igihugu c’Ubufaransa mu Burundi yamenyesheje ko iyo ngabire yatanzwe, kubw’amasezerano yo gukorera hamwe hagati y’Ubufaransa n’Uburundi yashizweko umukono n’umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza mu kwezi kwa Ntwarante, igenekerezo rya 11, umwaka w’2013.
Igihugu c’Ubufaransa kikaba ciyemeje kuguma gishigikira Uburundi mu mugambi wo kurwanya inzara mu gihugu no kugabanya ubusumbasumbane bwibonekeza mu butunzi bw’igihugu.

Mwomenya ko iyo mfashanyo y’amafaranga angana imiriyoni zitatu z’amafaranga y’amanyaburaya, agera ku miriyaridi zitandatu n’igice mu marundi, Reta y’Ubufaransa yayatanze ibicishije mu gisata c’abarafansa cishinze iterambere, AFC (Agence Francaise de Developpement). Akazoshikira mw’ibanki nkuru y’igihugu hamwe no mu bushikiraranganji bw’ikigega ca Reta.


Mariella Bukuru

Messages

  • NIBARONKE ICO BARYA KUGIRA NTIBATURYE....

  • Uyumu fotozi yafotoyenabi kuko ahayafotoye uyumufransa ahanibitabo nuyumurundi yariguhakikishako ibibitabo biboneka akongera agahakikisha ko niryafoto imanitse iboneka, jewembere nibajije koyoba arifoto yumukuru wigihugu cu Burundi, kandi biraboneka kovyarigukunda urevye umwanya wasigaye musiyamaboko yaboyafotora.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.