Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Reta yiteguriye gutora icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu mu wundi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Reta yiteguriye gutora icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu mu wundi (...)

Reta yiteguriye gutora icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu mu wundi mugambwe

lundi 10 Ruhuhuma 2014

Icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu, Willy Nyamitwe, amenyesha ko umukuru w’igihugu atazotirigana kugena uwundi asubirira icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu avuye mu wundi mugambwe, mu gihe inzego z’umugambwe UPRONA zitokorana kugira zishikirize umukuru w’igihugu amazina yotoramwo uwosubirira Bernard Busokoza aheruka gukomborwa.

JPEG - 7.5 ko
Willy Nyamitwe, icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu

Iminsi cumi igira ikwire ikibanza c’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu mu Burundi kigaragara. Bernard Busokoza yakombowe n’umukuru w’igihugu amwagiriza ko atashoboye gutandukanya amabanga y’igihugu n’ay’umugambwe UPRONA akomokamwo. Kuva icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu akuwe mu mabanga, abashikiranganji bose bakomoka muri UPRONA baciye bakurikira, baratanga imihoho. Ugusubiriza uwundi muri ico kibanza c’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu vyamaze gutangura kuzana impari. Mu mugambwe w’abadasigana UPRONA basavye ko boganira na Reta kugira bavugane ibibazo bihari, gutyo bashobore gutanga amazina y’uwosubirira Bernard Busokoza.

Willy Nyamitwe, icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu yamenyesheje ko intwaro rusangi mu Burundi isaba uwatsinze amatora gutwara agishije inama abandi, ariko ko iyo badashatse bitabuza ko izindi ngingo zemewe n’amategeko zifatwa. Kubwa Willy Nyamitwe, nta gahato kajamwo ku badashatse kuja muri Reta, akamenyesha ko inzego nyobozi z’umugambwe w’abadasigana UPRONA niziticarana kugira zitange ayo mazina, umukuru w’igihugu azoheza agatora mu wundi mugambwe atari UPRONA, ariko akagena umututsi badasangiye ubwoko.

Ku biganiro vyasabwe n’umugambwe UPRONA kugira bavugane na Reta ku bibazo bihari, gutyo babone gutanga ayo mazina, Willy Nyamitwe, icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu yarabakuriye inkoni ku gishitsi, mu kumenyesha ko ingorane ziri mu mugambwe UPRONA bozivugana hagati yabo bonyene. N’umuvugizi w’umugambwe CNDD FDD, Onésime Nduwimana, mw’itangazo uwo mugambwe wasohoye ku munsi wa gatandatu w’indwi twaraye turangije, yamenyesheje ko ata biganiro bikenewe bihuza umugambwe CNDD FDD na UPRONA. Muri iryo tangazo, umugambwe CNDD FDD warahakanye ivyo wagirizwa, ukamenyesha ko ata ruhara na rumwe ufise mu ndyane ziri mu mugambwe UPRONA.

JPEG - 27.4 ko
Onésime Nduwimana, umuvugizi w’umugambwe CNDD FDD

Mu mugambwe UPRONA imvugo ni yayindi nyene, babandanya basaba ko boganira na Reta imbere y’uko barungika amazina. Yohani Batisita Manwangari, umuvugizi w’umugambwe UPRONA, mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru IGIHE, yasavye ko Reta yokwemera bakicarana bakaganira ibibazo bihari. Manwangari yibukije ingingo y’129 yo mw’ibwirizwa shingiro ivuga ko icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, iyo bishitse akitaba Imana, agatanga imihoho, canke agakomborwa, asubirizwa n’uwundi wo mu mugambwe n’ubwoko uwahahora yarimwo. Ku bivugwa naho ko umukuru w’igihugu ashobora kuhashira umututsi wo mu wundi mugambwe atari UPRONA, Manwangari Yohani Batisita, umuvugizi w’umugambwe UPRONA abifata nk’ibitagira ifatiro, kuko bitoba vyisunze ibwirizwa shingiro, na cane cane ko uwoja muri Reta ategerezwa kuva mu mugambwe washikanye amajwi 5 kw’ijana. Manwangari ahubwo asaba Reta kureka kudadaza, bashobore kuganira ku bibazo bihari, kugira n’uwuzorungikwa muri Reta azohabwe ubushobozi n’ubwigenge bw’ugukora atari nk’imperekeza gusa.

JPEG - 65.7 ko
Yohani Batisita Manwangari, umuvugizi w’umugambwe UPRONA uheruka kwiyunga

Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.