Accueil > Inkino > FOOTBALL > Abakunzi b’inkino na FFB ntibabona kumwe ibikorwa vya Ait Ahcene (...)
Abakunzi b’inkino na FFB ntibabona kumwe ibikorwa vya Ait Ahcene Abdelmalek
vendredi 20 Munyonyo 2015, par
Mu gihe abakinyi b’INTAMBA MU RUGAMBA biteguriye urukino rwa mbere ruzobahuza kuri uwu wa gatandatu na Zanzibar mu nkino za CECAFA CHALLENGE CUP 2015, Reveriyano NDIKURIYO asigura ko abo bakinyi batajanye n’umumenyereza Ait Ahcene Abdelmalek kuko ari mu karuhuko.
Mu butumwa yanditse ku muhora wa facebook, umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi, Reveriyano NDIKURIYO yamenyesheje ko umumenyereza w’INTAMBA MU RUGAMBA Ait Ahcene Abdelmalek yagiye mu Budagi kugira impapuro ziwe zongezwe umwanya, yongere yitabire ivyigwa biteguriwe abamenyereza vyatunganijwe n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Budagi.
Mu gihe uwo mumenyereza Ait Ahcene Abdelmalek amaze iminsi yidogerwa n’abakunzi b’umupira w’amaguru ko yoba atarangura neza akazi ashinzwe, bikaba vyatumye n’Uburundi busezererwa incuro zibiri bwikurikiranya mu mwiteguro y’ukurondera imirwi izokwitaba inkino za CHAN n’iz’igikombe c’isi yose, Reveriyano NDIKURIYO amenyesha ko Ait Ahcene Abdelmalek ata ngorane afitaniye n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi, kandi ko arangura neza amabanga ashinzwe, akurikije ivyo yasabwe.
- Ait Ahcene Abdelmalek, umumenyereza w’Intamba mu rugamba
Reveriyano NDIKURIYO muri ubwo butumwa agira ati : « Ntihagire abibaza ko mu murwi nserukiragihugu hazosubira kubamwo akajagari gatewe n’ukubura indero kw’uyu canke uriya. »
Ku bwiwe, abantu bararekuriwe kuvuga ico biyumvira mugabo umwe wese arafise aho atangurira n’aho ageza mu gufata ingingo.
Tubibutse ko urukino rwa mbere rw’Uburundi muri CECAFA CHALLENGE CUP 2015 rwitezwe kuri uwu wa gatandatu kw’igenekerezo rya 21 Munyonyo, rukazohuza Intamba mu rugamba n’umurwi nserukiragihugu wa Zanzibar. Uwo murwi waherekejwe na Niyungeko Olivier batazira Mutombola, akaba ari icegera ca Ait Ahcene Abdelmalek.
Abakina mu Burundi mu Burundi batumweko :
Arakaza Mac Arthur (Vital ‘O)
Biha Omar (Vital ‘O)
Nshimirimana David (Vital ‘O)
Rugonumugabo Stephane (Vital ‘O)
Kiza Fataki (Vital ‘O)
Hakizimana Issa (Vital ‘O)
Duhayindavyi Gael (Vital ‘O)
Nahimana Shassir (Vital ‘O)
Barenge Pistis (Vital ‘O)
Niyonkuru Nassor (Vital ‘O)
Mavugo Laudit (Vital ‘O)
Ndikumana Yussuf (LLBS4 Africa)
Abakina hanze :
Nizigiyimana Abdoul Karim (Gor Mahia du Kenya)
Ndayisenga Fwadi (Sofapaka du Kenya)
Tambwe Amissi (Young Africans de la Tanzanie)
Kavumbagu Didier (Azam FC de la Tanzanie)
Kwizera Pierre (Rayons Sports du Rwanda)
Cédric Amissi (Chibuto FC de Mozambique)
Nduwarugira Christophe (Chibuto FC de Mozambique)
Nzokira Jeff (Djibouti Telecom de Djibouti)
Uburundi buri kumwe na Ouganda, Kenya na Zanzibar mu murwi wa kabiri (Groupe B)
IGIHE
Messages
20 Munyonyo 2015, 11:56, par KAMI
Non, non, non, non, non, non. Qu’il parte cet entraineur. Il est vraiement à l’origine de toutes les défaites que les Intamba on connu depuis le Senegal jusqu’à la RDC
20 Munyonyo 2015, 12:08, par pajo
ndabibariz akabaz uyu mugw wacu kub urik uratsindw nukbr udakmey cnk ningrn yumumenyrez?a part yiwanj ikos rifit umumenyerez arik reverien sik abibon nsinz nkamw ingen mubibon
20 Munyonyo 2015, 13:46, par Hakizimana
Burundi Tutashinda Timu Yetu Ninzuli Tutafika Mbari
20 Munyonyo 2015, 13:47, par Hakizimana
Burundi Tutashinda Timu Yetu Ninzuli Tutafika Mbari
20 Munyonyo 2015, 14:08, par jolam
arakwiye kwirukanwa,kuko uravye ivyo yashikirije duhejeje gutsindwa na congo ibujumbura.
21 Munyonyo 2015, 10:52, par HATUNGIMANA IGNACE
D’apres ce que vs dites ici umumenyereza siw bivako.VYOS BIBERA MURI SYSTEME.NON AKOR GUT?
23 Munyonyo 2015, 17:00, par NDC
Ico nosaba n’uko tutanako ishavu. Jewe ndavye ingene Umurwi wacu usigaye uvyifatamwo, biraboneka ko hari iciyongereye ku buhinga umuntu afatiye kuri wa mu menyereza wo muri Algerie yagenda. Gusa harasigaye ivyo gukora nacane cane ukudasamara no kwifata canke kugerageza iyo ikipe yacu igiye hanze. Vyukuri ikipe yacu dufise ubu iragerageza.