Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
“Revolution Time” yaraye igiye ahabona - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Umugwi > “Revolution Time” yaraye igiye ahabona

“Revolution Time” yaraye igiye ahabona

lundi 1er Mukakaro 2013

Urukurikirane rwa 3 rw’umurwi Lion Story, “Revolution Time”, rwaraye rushizwe ahabona ku mugoroba w’uyu w’Imana. Urwo rukurikirane rw’indirimbo 14 rwaravugijwe imbere y’abakunzi isinzi bari bitavye igiteramo co gutangaza ku mugaragaro “Revolution Time”.

Isinzi ry’abakunzi ba Lion Story barakubise harazima mu kibanza ca Vouvouzela Bar cabereyemwo ico giteramo. “Revolution Time” akaba arirwo rukurikiane rwari 3 rwa Lion Story rwari rwakoranije abakunzi b’umudiho wa reggae. Intango y’igiteramo itari yitezwe namba, ururirimbo ku murya w’igitari udacanzwe n’ingoma. Ariko ntivyabujije ko abaraho baryoherwa n’amajambo y’inkora mutima yarimwo. Urutonde rw’indirimbo zirimwo ubutumwa bukomeye kandi butarimwo ukurya umunwa kubitagenda neza rwaravugijwe birashimwa. Abantu nabo baguma barwira umunota ku wundi. Amabara atukura-umuhondo-urwatsi rutoto hamwe n’imishatsi y’ubusage, vyari birwiriye mu bari bitavye ico giteramo.

Ku mudiho wa reggae utarobetse, abaraho baritabiriye indirimbo zariko ziravuzwa bati “Ntuvyemere…”, bati:” Genda…”. Muri ico giteramo hakaba haravugijwe indirimbo ziri mu rukurikirane “Revolution Time” ndetse n’izo muzindi nkurikirane za mbere. Uwo mu rwi ukaba warumvishije urukurikirane rw’indirimbo ruzokurikira. Icagaragaye, indirimbo nshasha zarakunzwe. Eka ndetse niza kera zavugijwe vaybonekako zigikundwa cane. Nikimenye menya nuko Lion Story ihejeje kuvuza ururirimbo rwa nyuma rwo murico giteramo abantu basa nabadashizwe. Bararorereye nk’iminota igera kuri 15 basaba inyongera. Ibitamenyerewe kuboneka mu biteramo.

Paul, umwe mubagize umurwi wa Lion Story yamenyesheje ko “Revolution Time”ari urukurikirane ruje rwunganira izasohotse ubwa mbere. Ati: “Ukwikukira ukuronse hama ugasamara baragukangura. Bisenzwe navyo, ikiba gisigaye nuko bakomeza kuguhamagarira ihinduka”. Yarongeye aravuga ashimitse ko “Revolution Time atari urukirikirane rwo kugumura abantu ariko ari uruhamagarira abarundi uguhindura ingendo n’ivyiyumviro”. Yarasubiye ati: “Ubutumwa buri muri Revolution Time bwerekeza ku barundi bose ndetse no ku bandi bantu bari mu bihugu hari ibitagenda neza”.

Mbega ko mu majambo y’indirimbo zanyu mududurirako ibitagenda neza mu gihugu, nta bwoba mufise ko vyoshobora kubakwegera ku bijanye n’umutekano wanyu
Paul: Je niyumvira, imbere ya vyose, umutekano w’umuntu uva mu mutima w’umuntu nyene. Kandi umutekano utangwa n’Imana. Twebwe rero turatekanye mu mitima yacu. Kandi ibiba aha nivyo biba n’ahandi, hazokwama hari abantu bababisha nabandi babarwaneza. Ariko twebwe ivyo tuvuga n’ibiriho. Vyongeye abarundi baravuga bati “uwatinye gupfa ntiyavutse”. Twebwe rero intumbero yacu niyo guhamagarira abarundi guhindura ingendo, bagabanya amajambo maze barwiza ibikorwa vyiza. Abandi nabo badufatireko akarorero gutyo ubuzima bube bwiza.


Luc- Noel Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.