IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > RFM "Insamirizi iririmba" igiye kwongereza ibiganiro vyo kuryoherwa

RFM "Insamirizi iririmba" igiye kwongereza ibiganiro vyo kuryoherwa

mercredi 15 Gitugutu 2014

Abamenyeshamakuru b’imicokama bakora ku nsamirizi zitandukanye bararonkejwe inyigisho zijanye no kwungura ubwenge mu kazi ka minsi yose. Inyigisho zatanzwe mu ntumbero yo guteza imbere ico gisata co kumenyesha amakuru.

JPEG - 100.5 ko
Bamwe mu baronkejwe inyigisho

Inyigisho zahawe abamenyeshamakuru zijanye n’ihinyanyugwa ry’ibiganiro vy’umuziki n’ukuryohera abumviriza insamirizi. Bimwe muvyo bigishijwe harimwo ubuhinga bwo kubaza (Techniques d’interview), gukoresha ijwi, n’ibindi. Inyuma y’inyigisho zamaze iminsi ine, kuva kw’igenekerezo rya 09 gushika 13 Gitugutu, abo bamenyeshamakuru bararonkejwe impapuro z’umutsindo "certificats".

Ivyo vyabaye mu gihe hahimbazwa imyaka ibiri insamirizi "RFM" imaze ivuza umuziki n’ibindi bikorwa vy’abanyamwuga b’Abarundi nk’uko bayita "Iradiyo iririmba"(radio qui chante). Yvette NIHORIMBERE aserukira iyo nsamirizi imbere y’amategeko avuga ko yabaye insamirizi imwe rudende itanga ibiganiro n’amakuru vyo kuryohera amatwi y’ababumviriza. Ku biganiro 11 bica kuri "RFM" hiyongeyeko bibiri. Mu gihe yahora yumvikana mu gisagara ca Bujumbura gusa, Yves TRIBALEAU, umwe mu batanguje iyo nsamirizi avuga ko bagiye kwongerako iyindi mihora kugira yumvikane mu gihugu cose.

Mu kurangiza "RFM" yiyemeje kwongereza inguvu mu guteza imbere abaririmvyi b’Abarundi n’umuziki wabo.

Sat-B nk’umwe mu baririmvyi yari yitavye ico kiganiro, aremanga ko "RFM"yaje gukura abaririmvyi mu rufuri kuko ari insamirizi yonyene yaje kwitaho cane ibijanye n’umuziki w’Abarundi. Sat-B aremera ko "RFM" ishobora kuvuza indirimbo ziwe zishika nka 6 ku munsi, ivyo rero biratera intege abaririmvyi kuko ari ikibanza ciza c’umuziki.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.