Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Riek Machar yashitse i Juba muri Sudani - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Riek Machar yashitse i Juba muri Sudani

Riek Machar yashitse i Juba muri Sudani

mardi 26 Ndamukiza 2016, par egide

Umukuru w’abarwanyi bo muri Sudani y’epfo, Riek Machar, yasubiye ku murwa mukuru Juba hakurikijwe amasezerano y’amahoro agamije guheza intambara imaze imyaka ibiri n’igice muri ico gihugu.

BBC ivuga ko Riek Machar yashitse ari mu ndege y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, avuye muri Ethiopia, inyuma yo gusivya urwo rugendo rwategerezwa kuba rwabaye mu ndwi iheze.

Riek Machar yaciye arahizwa bidatevye mu mabanga y’icegera c’umukuru w’igihugu muri Reta y’ubumwe iheruka gushirwaho.

Intambara yo hagati mu gihugu yadutse igihe Reta irongowe na Salva Kiir, yagiriza Riek Machar kuba yariko arategura gutembagaza ubutegetsi.

Izo ntureka zahitanye abantu ibihumbi, abarenga imiriyoni zibiri bahunga.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.