Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Riek Mashar yahunze igihugu
Riek Mashar yahunze igihugu
jeudi 18 Myandagaro 2016, par
Umuyobozi akomeye atavuga rumwe n’ubutegetsi muri Sudani y’Epfo, Riek Mashar, yaheruka gusubirizwa mu mabanga y’icegera c’umukuru w’ico gihugu, yahunze, yerekeza i Kinshasa ku murwa mukuru wa Repubulika Iharanira intwaro rusangi ya Congo.
Riek Mashar yerekeje i Kinshassa inyuma y’igihe kigera ku kwezi ahungiye muri Equatoria y’ubuseruko, imwe muri Reta 10 zigize Sudani y’epfo. Riek Machard yashitse aho i Kinshassa kuri uwu wa mbere, bikavugwa ko ashobora kwerekaza i Addis Ababa muri Ethiopia.
Uguhungabana kw’umutekano hamwe n’ubwicanyi birabandanya muri Sudani y’Epfo, ishirahamwe mpuzamakungu ONU naryo rikaba riheruka gufata ingingo y’ukurungika abasirikare baryo bagera ku bihumbi bine.
IGIHE
Messages
18 Myandagaro 2016, 14:32, par Rabba
Nta gihugu na kimwe abatutsi bagiyemwo kigira amahoro. Iyinjira rya Sudani y’epfo muri EAC ni ikimenyesho ntamusiga.Nta basoda b’Urwanda bariyo!!!!Vyotangaza ico gihugu kibayemwo amahoro!
19 Myandagaro 2016, 19:59, par Ndayizeye Oscar
None Ngaho Ko Ariho Abanyagihugu Bapfa Ntivyumvikana! Ariko Burundi Turi Muri Peace Apana Inteko Uwupfa Nuwuzana Imbunda Aje Kwigwanya Kuko Asanga Yirashe