Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Roger Muhizi yashikanywe mw’ibohero rya Mpimba akiri indembe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Roger Muhizi yashikanywe mw’ibohero rya Mpimba akiri indembe

Roger Muhizi yashikanywe mw’ibohero rya Mpimba akiri indembe

samedi 7 Ruheshi 2014

Roger Muhizi umunywanyi w’umugambwe MSD yarashwe ku wa 8 Ntwarante ubu yari arwariye mu bitaro vya Prince Regent Charles, yajanywe mw’ibohero rikuru rya Mpimba akiri ku musego.

Umushingwamanza Amede Nzobarinda aburanira Roger Muhizi

Nk’uko uwumuburanira Amede Nzobarinda ahejeje kubibarira ikinyamakuru IGIHE, roger Muhizi yajanywe n’umuduga wunguruza abantu Taxi urimwo abaporisi, abo nabo bakaba bamukuye mu bitaro aho yari arwariye. Kuva habaye imishwamirano hagati y’abanywanyi b’umuhari wa MSD ku wa 8 Ntwarante uyu mwaka bamwe bakaraswa n’igiporisi abandi bagakomereka, Roger Muhizi yagumijwe mu bitaro, ariko rikaba rigize kabiri aho igiporisi kimujanye mu Mpimba kandi abiwe hamwe na bamwe mu baganga bavuga ko akiri indembe.

Roger Muhizi akaba yarashwe mu kuboko, kugeza ubu abaganga bo mu Burundi bakavuga ko atakinini bo mufasha atari kumuha imiti igabanya ububabare gusa, ahasigaye bakaba babona ko bomurungika mu bitaro vyo hanze, akavurirwayo kuko ho, hari ubuhinga buhanitse. Hamwe uwo munywanyi w’umugambwe MSD yogumizwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba ntajanwe kuvurizwa mu bihugu bafise ubuhinga buhanitse uyo munywanyi w’umugambwe MSD agashobora kuzocibwa ukuboko.


Aristide Nizigire

Messages

  • ARIKO KO MURIKO MUTUMA TURIRA VYUKURI JEWE NTABWO NDI MUMIGAMBWE ARIKO NDI HANZE NSABE UYO MUNTU MUMUMPE NDAMURIHIRE AMAHERA AVUGWE KUKO NTACOMBONA UYO ATWAYE UBURUNDI ARUMUNTU UMWE. NIMBA MUSENGA CANKE MUGOMBA GUTERA ITEKA PRESIDENT WACU ENDA MUREKE ABO BANA BAHENDWA NTIBAPFE , AMARASO YABO MUZOYAHARUGWE KO . MPA INYISHU

  • None ga mana numurwayi ntibakimwumvira ikigogwe? Nukuri imana izobabaza vyinshi ngo" bitevye biri buze namagara yuruhinja @.aho nakebura

  • MUREKE YIVUZE C EST LE DROIT LE PLUS FONDEMENTAL QUI EST LE SIEN.!!!!ARIKO ABA DD MUZOGARUKIRA HE!!!!

  • ésions corporelles volontaires graves àl’endroit des policiers), ugutukana (outrages), hamwe n’ukuja mu migumuko n’akajagari (violences et participation àun mouvement insurrectionnel). Dufate ko ivyo vyaha bimwagiriye kuko kugeza ubu ntaragirwa, kuko atagihano co kwicwa kikihari, akaba kandi agumana ubumuntu bwiwe naho yokwagirwa, umupfungwa arafise uburenganzira bwo kuvurwa no kwivuza kandi leta ikamworohereza kuronka umuganga amuvura, ntibari bakwiye gufata iya mbere yokumujana kumufunga; ahubwo bari kumuha uburyo bwo kuvuzwa n’abo babishoboye bagapfuma bamuha umu garde malade w’umupolisi amucunze nkuko abanyororo babifitiye uburenganzira. Il faut une petition internationale.

  • No kuri uprona vyaraba kubo badasangiye ivyiyumviro.none yarirashe?abamurashe baciriwe uruhe rubanza?baridegemvya?nawe uburenganzira bwokuvugwa babumukuyeko.bavuga ngo uwuhagarikiwe n,Ingwe aravoma ariko haragera igihe Ingwe igapfa hakavuka iyindi ariko uwuhagarikiwe n,Imana aguma mubiganza vyayo kahise nikatwigishe har,abitwa Abamenja,Inyanka burundi,....bapfunzwe abandi barangazwa ariko umusi w,uhoraho warageze kuribo nubu abo nabo umusi wabo uriho bagumane umwizero.

  • JEWE NDI UMU DD KANDI NDAFISE POSTE ISHIMISHIJE ARIKO BENEWACU BA DD TURIKURA AMATA MUKANWA!KUKO TWA NANIWE RWASA NA LEXI TUMAMARAMARIRA KUBATO?UYO NAHO YOTAHA NTACO VYOKWICA.MWEREKANA INZIGO GUSA KANDI AHO MUKORERA LEXI D’UNE FACON INDIRECT ET INVOLOTAIRE.

  • Harya President ngo n’umukizwa?! sinzi niba iyo dusenga nawe ariyo asenga. kutavugarumwe n’ubutegetsi ntibivuze kuba umwansi. Ivyo bavyita torture

  • We wiyita Kabura Xavier ariwe nkurunziza Clément, ndakuzi gooooose mwe na Ndugu yako VACHE ndabibuka gooooose vraiment ngene twari kumwe muricCampus MUTANGA 1995 wewe n’yuri"umu DD umu CNDDD FDDn’umwe mwene wanyu mwakorana Willy MADIRISHA . gusa, kimwe nawe. woba warinjiye kurya nk’abandi mugabo uragenda basubire kukwigisha akaranga mutima ka DD yanyu ntimunceko mais comme tout jours umugani wa. KIZITO Mihigo Umuntu n’Umuntu Murek’Imama yiyit’Imana.

  • Ariko Mana we!!!Ubwo iyo Ntwazangabo yo yatumyabo ba Rugara gutoriyondembe,ubwo yobayiyumviragute?Yishiremukibanzacuwomugwayi vraiment,nkivyovyobayariwe vyashikiye?bakamuvanamu bitaro atarakira,ubwoyokwiyumvagute nawe??Biragaragarako ababatwarebacu batariko bakorera abanyagihugu.Haruwundimuntu yobatabonekabigaragara barikobanezereza.Ariko,ingeroyicahani.....Buryanahowovugako urikukoreraezabanyagihugu,ugatwariranezabamwe,ugacinyizabandi,ucusanganabimwewitavyiza vyose vyabaye bibi car un arbre qui tombe fait beaucoup de bruit qu’un arbre qui pousse.

  • None harya Nkurunziza yumva ari réellement soldat de la paix.
    Baramuhenze nkuka Léonce yabivuze kandi ntamvura idahita azosubira kuri Commandant puant kandi sikera.
    Ubwo butungane bwo gusya abatavuga rumwe na CNDD-FDD, buzobahindukirira

  • Sinzi niba mu mategeko y’u burundi habaho icaha citwa "kudatabara uwuri mu kaga" (non assistance d’une personne en dangeux) niba gihari kuki abo bafunga umurwayi kandi akwiye kuvurwa, batomutabara bakamukura mu kaga? ewe ivy’iburundi birancanze.ko batafashe alex

  • Urima akajagari ukimbura mpimba!! Ntakundi nagende iyo yakoreye

  • Uyu muntu yiyita Jeanne ni mba ari igisimba ubwo hari umugore yovuga gurtyo !!!Ntuzi nuko yarashwe uzi ngo we ntushobora gushikirwa nkuko >???Erega mwarabaye ibikoko!!!!!yooo murahowe Imana ntikumve....

  • ABATWENGA UMUNTU APFUNZWE NA CANE CANE ABO BARIKO BAZIRA UBUSA ABA ARI IKIJUUJU KUKO UMUNTU AHEBURA AGASHO APFUYE.ABARYOHEWE UBU HARI IGIHE BAZORIRA.TUBIFURIJE GUHEREZA YO NABO.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.