Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Rohero : Bagiriza musitanteri kuba abarekuriramwo abaporisi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Rohero : Bagiriza musitanteri kuba abarekuriramwo abaporisi

Rohero : Bagiriza musitanteri kuba abarekuriramwo abaporisi

mardi 17 Kigarama 2013

Abadandariza mu mabarabara y’igisagara ca Bujumbura, bagiriza musitanteri wa komine ya Rohero Mariya Suzana Ndayisaba, kuba abarungikamwo igiporisi mu kubaka ibidandazwa vyabo, ndetse bakavuga ko no gukubitwa bakubitwa.

Bamwe muri abo bapfasoni n’agashavu kenshi, bakaba bemeza ko hasigaye haza n ’imiduga ipakira ivyamwa vyabo baba bariko baradandaza, iyo nayo ikaba iza ishorewe n’umupfasoni Ndayisaba asanzwe arongoye komine ya Rohero. Bavuga ko ku munsi ku munsi, bagira uruhombo rw’amafaranga ibihumbi 10.000 kuko ivyo badandaza babibaka, baja kubitora bakabura amayongobero yavyo.

Bamenyesha ko ibibanza biherutse gutangwa, vyahawe abandi bifise, bamwe mu bakozi ba Reta n’abandi, eka bakavuga ko hagiyemwo n’akamwana wa mama. Abo bakenyezi bakavuga ko batariko barava mw’ibarabara kuko atahandi baziga uburaro n’uburamuko. Bavuga ko n’aho igiporisi coguma kiza ijoro n’umutaga gifashijwe na zimwe mu mbonerakure zihurikiye mu mugambwe CNDD FDD, batazoreka kudandaza kuko abana babo boca bicwa n’inzara.

Basaba ko boronswa aho badandariza, gurtyo bareke kwama bariko barasiganwa n’abaza kubatwara ivyabo. Abo bakenyezi rero, bakaba batumenyesheje ko hamwe boronka aho badandariza, bakaronswa ibibanza nk’abandi, batosubira muri iryo barabara. Tukabamenyesha ko, hari amakuru yavuga ko, hoba hari bamwe mu bakenyezi boba baranse kuguma badandariza mu bibanza baheruka kuronswa bavuga ko bataronka ababashorera, bagahitamwo kwisubirira mw’ibarabara, ariko bakaba babirahira, bavuga ko abaronkejwe ibibanza bagumye mu bibanza baronse, abari muri iryo barabara, ari abataronse ibibanza aho bicarika utwo baderembeza.


IGIHE

Messages

  • UBURUNDI NTIBUZIGERA BUTERIMBERE NARIMWE ABO BAKENYEZI BATEYE IKIGONGWE NDAVYE INZARA IRI MUBURUNDI UMUNTU WUMUKENYEZI AGIRIRA NABI ABANDI KANDI NAWE BUCA AZA MWIBARABARA NTAMUTWE AGIRA.

    MUSITANTERI NTAMENYA KO ARI IKINTU GITO CANE ARUTWA NA NYUMBAKUMI YITONDE ABO BATSWE UTWABO RETA IBARIHE PE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.